Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umukuru w’igihugu Jacob Zuma yatanze imihoho
Afrika y’Epfo : Umukuru w’igihugu Jacob Zuma yatanze imihoho
jeudi 15 février 2018
Nk’uko tubikesha BBC,mw’ijambo yashikirije abicishije ku mboneshakure y’igihugu,Jacob ZUMA yamenyesheje ko atanze imihoho ariko atemera ingingo z’umugambwe wiwe ANC.
Inyuma yo gushimira abantu bose bakoranye mu kazi,Jacob ZUMA yamenyesheje ko ukutumvikana kuri mu mugambwe ANC arivyo vyatumye atanga imihoho.
Jacob ZUMA yavuze ati :“Nta buzima bugiye kwononekara kubera jewe,umugambwe ANC ntugiye kwicamwo ibice kubera jewe, nafashe ingingo jewe nyene yo gutanga imihoho nk’umukuru w’igihugu.”
Jacob ZUMA yavuze kandi ati :“Naho ntemera ingingo yafashwe na ANC nabaye umunywanyi mwiza kandi w’indero mu mugambwe.”
Yavuze ko naho avuye k’ubutegetsi azobandanya akorera igihugu ciwe hamwe n’umugambwe ANC yakoreye ubuzima bwiwe bwose.
Jacob ZUMA afise imyaka 75 akaba yabaye umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2009,
hari haheze iminsi asabwa n’umugambwe wiwe gutanga imihoho mu kibanza c’umukuru w’igihugu kubera ivyagiriji bijanye n’igiturire.
Bivugwa ko Cyril Ramaphosa aheruka kugenwa kuba umukuru w’umugambwe ANC ariwe ashobora kumusubirira.
BIKORIMANA Vianney
Messages
15 février 2018, 14:53, par Bwenge
Zuma ko avuye kubutegetsi,Peter Nkurunziza ari mu kigandaro,akari inyuma karahinda,Ramaphosa atandukanye cane gose na Zuma
16 février 2018, 10:49, par Rwenya
Ramaphosa ww uramuzi kugira umutandukanye na Zuma ? Gumya akarimi bizodufasha
16 février 2018, 20:19, par NYAndwijean
ABAndibagiramahigwebakaronka,abagabonyabagabo !nahomuburundintitugirakivugira