Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umukuru w’igihugu mushasha yiyemeje kurwanya igiturire
Afrika y’Epfo : Umukuru w’igihugu mushasha yiyemeje kurwanya igiturire
vendredi 16 février 2018
Mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka haheze umwanya muto atowe, Cyril Ramaphosa, yavuze ko azokorana n’imigambwe yose mu gutezaimbere ubuzima bw’abanyagihugu.
Umukuru w’igihugu mushasha wa Afrika y’Epfo, yiyemeje kandi gukora yivuye inyuma kugira ntaze ahemukire abanya Afrika y’Epfo.
Cyril Ramaphosa, ari nawe arongoye umugambwe uri ku butegetsi ANC kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, ashikiriye ubutegetsi igihugu kiri mu bibazo vy’ubutunzi hamwe n’ukutumvikana mu mugambwe uri ku butegetsi.
MUGISHA Van Naris