Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umwuzukuru wa Mandela avuga ko yafashwe ku nguvu n’uwo bahora (...)
Afrika y’Epfo : Umwuzukuru wa Mandela avuga ko yafashwe ku nguvu n’uwo bahora bakundana
mardi 24 octobre 2017
Inyuma y’akamo katewe ku rubuga ngurukanabumenyi Twitter, hamwe n’ihagarikwa rya Weinstein umuhinyanyuzi w’amareresi muri Amerika, yagirizwa gufata ku nguvu n’ugukubagura abakenyezi bifatiye ku gitsina, haribonekeza abapfasoni n’abigeme benshi bamenyesha ko bakubaguwe.
Ku rubuga rwiwe rwa Facebook, umwuzukuru wa Nelson Mandela, Ndileka Mandela avuga ko amabi nkayo abaho ariko kenshi biba nkakamizwe n’ingoma, bitavugwa.
Ndileka Mandela aravuga uko vyagenze : “ mur’iryo joro, nari mu cumba nryamye, ndamubwira ko ndushe nkeneye kuruhuka, acarasohoka kuraba umupira hamwe numwana wanje. Mu nyuma yaragarutse aca aramfata ku nguvu.”
Uwo mwuzukuru wa Mandela avuga ko ategerezwa gushinga intahe kugira amabi nkayo ahagarare.
Huguette NKURUNZIZA