Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Abanyamahanga basubiriye gukorerwa ubugizi bwa (...)
Afrika y’epfo : Abanyamahanga basubiriye gukorerwa ubugizi bwa nabi
lundi 20 Ruhuhuma 2017, par
Indwi iraheze hibonekeza ibikorwa vyo guhohotera abanyamahanga mu gihugu ca Afrika y’epfo, mu bisagara ca Johannesburg na Pretoria, aho bamwe baturirirwa amazu, abandi bagasahurwa.
Ivyo bikorwa vyo guhohotera abanyamahanga vyatangiriye ahitwa Rosettenville, aho imodoka 26 zaturiwe n’abantu bataramenyekana, nk’uko mu giporisi babimenyesheje. Uretse izo modoka zaturiwe, n’inzu z’abanyamahanga zarabomowe.
Abaporisi bo mu bice bibangamiwe cane bavuga ko bagiye gukomeza umutekano hamwe n’ukwongereza inguvu mu kurwanya ubwo bugizi bwa nabi bukorerwa abanyamahanga mu bice bitandukanye.
IGIHE
Messages
20 Ruhuhuma 2017, 14:36, par lgwynk
Nukuri inyambukira zaragowe. None kugira abantu bagiye kurondera ubuzima batebe bahigwe buhongo ataco bazira. Reta yaho ntacikora kugira ikingire inyambukira kugira bakore akazi kabo atankomanzi. Nibabareke bironderere ubuzima yemwe!
20 Ruhuhuma 2017, 19:12, par MOS
EMWE AFRIKA IRATUGO KUBAKO
24 Ruhuhuma 2017, 16:46, par wesley
turagowe ahubwo muri zambia naho hari ubusuma butangaje kwibwa kumurango abantu babona ntibagutabare kubera urumunyamahanga kuwagatandatu uheze isaha06:15 grand frere yagiye kurangura ahura nimisore umucumita iruhande yijisho mugabo imana ninziza nimuzima