Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Amatongo agiye gusubizwa vuba abirabure baho
Afrika y’epfo : Amatongo agiye gusubizwa vuba abirabure baho
mercredi 28 Ruhuhuma 2018, par
Inyuma y’imyaka 20 y’intwaro karyanishamiryango, umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’Epfo (ANC), wari urajwe ishinga n’ico kibazo c’ubusumbane bw’amatongo afiswe n’abanyagihugu baho bivuye ku rukoba rutandukanye bafise.
Mu cigwa cakozwe n’ubutegetsi bwa Afrika y’Epfo, berekana ko abirabure bashika ku bice 79 kw’ijana vy’abanyagihugu b’ico gihugu bafise amatongo yo kurima mu gihugu ashika ku bice 1,2 kw’ijana vy’amatongo yo kurima agize Afrika y’Epfo.
Ku cerekeye ubutunzi, uburimyi buri mu maboko y’abazungu bafise ibice 73 kw’ijana kuri 85 kw’ijana bari bafise inyuma y’intwaro karyanishamiryango.
Oscar NDAYISHIMIYE
Messages
28 Ruhuhuma 2018, 13:19, par king
ibibazo by’abirabura ntibizohera mpaka Ku munsi w’imperuka