Home > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo: Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro isaba ikugwa rya Jacob (...)
Afrika y’epfo: Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro isaba ikugwa rya Jacob Zuma
Friday 29 December 2017, by
Nk’ukwo tubisanga mu kinyamakuru c’abongereza BBC, Perezida Jacob Zuma yoba yagirizwa kuba yararenze ku mategeko agenga ibwirizwa nshingiro mu kuba yarasesaguye amatunga y’igihugu inyuma y’aho yubaka inzu yiwe yatwaye amahera menshi agera kuma miriyoni 20 zama dorari yubatswe ahitwa i Nkandla.
Mu mwaka wa 2016, Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yasavye perezida Jacob Zuma gusubiza igice c’amahera yakoze kugira iyo nyubakwa yubakwe.Jacob Zuma akaba yahavuye asaba ikigongwe kuba yarakoresheje amafaranga avuye mu makori y’igihugu, ubutungane bukaba bwamuciriye urubanza rwo kuriha amafaranga agera kuri 500.000 y’amadorari.
Urwo rubanza rukaba rwitezwe ko ruzotuma Umukuru w’igihugu Jacob Zuma akugwa ku butegetsi
Pacifique BUKURU