Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo : Umushikiranganji w’ubutunzi yakuwe mu kazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Umushikiranganji w’ubutunzi yakuwe mu kazi

Afrika y’epfo : Umushikiranganji w’ubutunzi yakuwe mu kazi

vendredi 31 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, Jacob ZUMA yakuye mu kazi kuri uwu wa kane, Pravin Gordhan, yahora ari umushikiranganji w’ubutunzi. Uwo yakuwe yari afise abakunzi benshi mu mugambwe ANC uri ku butegetsi, abakurikiranira hafi ivya poritike ya Afrika y’epfo bakavuga ko icuka kitari ciza muri uwo mugambwe.

JPEG - 44.1 ko
Pravin Gordhan, yahora ari umushikiranganji w’ubutunzi

Jacob ZUMA yamenyesheje ku mugoroba wo kuri uwu wa kane ko ihinduye Reta yiwe. Abashikiranganji cumi nibo basubirijwe. Ubushikiranganji bw’ubutunzi bwahoramwo uwo Pravin Gordhan bwahawe Malusi Gigaba, asanzwe ari somambike wa Jacob ZUMA, uwo nawe akaba yahora ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Pravin Gordhan yari asanzwe afise imigenderanire myiza n’abarwizatunga bo mu gihugu ca Afrika y’epfo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.