Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo nayo igiye kwikura muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo nayo igiye kwikura muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Afrika y’epfo nayo igiye kwikura muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

vendredi 21 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Afrika y’epfo camenyesheje ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ko kigiye kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane, Michael Masutha, yashikirije ko integuro y’itegeko rifata ico ngingo izoshikirizwa inama nshingamateka vuba.

Umushikiranganji Masutha yamenyesheje ko kuba igihugu ca Afrika y’epfo kiri muri iyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha, bitera ingorane Afrika y’epfo, mw’irangurwa ry’igikorwa co kuba umuhuza mu biganiro vy’amahoro mu karere.

Uwo mushikiranganji yasiguye ko biba intambamyi mu gihe ico gihugu kitokwizeza abakuru b’ibihugu bakigendera, kwubahiriza ubudahangarwa bwabo. Aho tukabibutsa ko igihugu ca Afrika y’epfo kitubahirije itegeko rya sentare mpuzamakungu mpanavyaha ryo gufata umukuru w’igihugu wa Sudani Omar Al-Bashir, igihe yaza i Johannesburg, muri ico gihugu. Ni naco catumye Afrika y’epfo yagirijwe mu mwaka uheze ko yirengagije itegeko rya sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ibihugu vyinshi vyo muri Afrika vyagiriza sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuba ikandamiza abategetsi ba Afrika, ikirengagiza ibihugu rutura vyo kw’isi.

Afrika y’epfo yikuye muri sentare inyuma ya Reta y’Uburundi iheruka kwemeza ko ivuye muri iyo sentare, mbere umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba aheruka gutera umukono kw’itegeko ry’ugukura Uburundi muri iyo sentare.


IGIHE

Messages

  • nibakurikire igihugu cacu kuko abanyaburaya ntakindi bamaze rero twarabahinyuye

  • SAfrica mukomere turabashigikiye abobazungu imyaka bakaduhashirije iratosheje ikinigihecacu cokubahasha natwe. Murabona ukuntu baribaratwogeje ubwonko bigatuma akabayekose tucatwiruka kubambaza!.

  • NABADO MUZOSIGARA MUTAMBA MWIRORERA KANATSINDA UBURUNDI BIRAZWIKO UBURUNDI ARUMUTIMA WAFRICA NICOGITUMA NIBINDI BIHUGU MUGIYEGUTANGARA BIGIZENKUBURUNDI KUKO NKURUNZIZA AZOBEMEZA MPAKA MUMUSABIBIGANIRO ATARIBUVYEMERE KUKO INTSINZI NIYIMANA ABAGUMYABANGA NABENEGIHUGU DUKUND IGIHUGT DUKORA DUSENGA DUSENGA DUKORA

  • Muritonda Abazungu Baranyay,nn Nkuburundi Bwama Butezamash Imfashanyo,bizogenda Gt?Afrika Y’epfo Niko!

  • ivyo nivyiza iryasentare izosigara atagihugu nakimwe comuri afrika kiyirimwo kuko uburundi bwarahumuyamaso afrikayose mugushirahabona imigambi igaitse yirya sent are nintumbero yayo yokurwanya afrika, nibindi bihugu bizovayo hama basigare batamba birorera......

  • Iyongingo ninziza kuko nibindi bihugu bizokurikira vubavuba,ariko haricokwitondera muruwomugambi,nuko abarongoye Africa nabazoyirongora imbere kubabagabo badahindagurika kuko abazungu bera kurukoba gusa. Bisaba kutazongera kubategamashi nokwihuta kubakenera nkahumengo ntakundi kubaho dufise,dusangire bike dufise dukundane niho tuzotangaza abazungu bakabona ko twahinduye kandi twahindutse!!Abanyafrica mukomere mubabagabo

  • Ibihugunibivemwovyose,uwuzoduciraimanzazitubereyeariho,ni YESU.

  • AFRIKA TURIKWIJE NIBAYIVEMWO BOSE.TUZO SHINGA RWACU

  • CPI isigayemo inkoramaraso nka kagame,umukambwe Museveni uhora asinzira munama.kimwe n’ingurube kabila

  • Ntibitangaje uwo zuma afise umugambi wo gusambura Africa yepfo ahubwo abanya firika yepfo batarikanuye ivyo baharaniye vyose bigiye kuba impfagusa kuko zuma n’umukunzi w’inda

  • @Mucokozi nta soni nta n’ubwenge ugira,u Rwanda ntirwigeze rujya muri CPI kandi Kagame umukure muruwo mwanda wanyu Abarundi, shame on you

  • NTA MUGABO WOKUGENDERA KUWUNDI

  • Iyo ni instinzi ya independance ya Afrika.Izo nkoramarazo z’abazungu bafadikanije n’ibipfamutima bimwe bimwe vy’abanyafrika bagume iwabo. Ubu niko Afrika iriko irikukira. Ni akamaramaza aho afrika ariyo yogaburiye isi nzima ikaba ariyo itega amashi kubera ububegito bwabatwara Afrika.
    Iyo sentare ni igumemwo Kagame yamenyereye amaraso ya benewabo.Twizera ko izomucira urubanza avuge iyo imiliyoni 5 z’abantu yabashize.

    Burundi uri muto nturi igito.Ukwikukira kwa Afrika kuzohera iwawe.

  • MUBWITONZI NTANGERE NDABWIYE ABARUNDI NAMAKUNGU KO UWUZOSHAKA KWEREKANA KWAKUNDA AFRICA ATEGEREZWA KUZOBANZA KWUBAHA UBURUNDU NABATUNDI.
    NUKURI UBURUNDI NUMUTIMA W’AFRICA NONE WOVUGA NGUKUNDA UKUGURU WANKA UMUTIMA!? WOVUGA NGUKUNDA UMUTWE NGWARIKO NIMUNKURIREHO UMUTIMA!? MBEGA UFISE UMUNTU BAKAMUKURAMWO UMUTIMA YOSUBIRA KWITWA UMUNTU CANKE YOCAYITWA NYAKWIGENDERA.
    EHERABA ABASODA BARIKURUGAMBA RUKAZE USANGA BAMBAYE IBINTU BIKINGIRA AHARI UMUTIMA , NIBIHUGU VY’AFRICA VYATANGUYE KWAMBARA IBINTU BITUMA BIKINGIRA AHARI UMUTIMA WAVYO (UBURUNDI)
    MWIBUKEKO UMUTIMA URWAYE IBIHIMBAVYOSE BIGIZE UMUBIRI BIRASINZIKARA.
    MWIBUKEKO NUWUSERUKIRA AMERICA MUBIYAGA BININI AHERUTSE KUVUGAKO BIRINZE KUVUGA BIRYA URWANDA RWAKOREYE UBURUNDI MUGUSHIGIKIRA ABABANGAMIRA UBURUNDI NABARUNDI NGOKUKO VYARIGUTUMA IBINTU BIBANABIKURUTA!
    BISIGURIKI? BISIGURAKO IBINDIBIHUGU VYARIGUCA BIMERERA NABI URWANDA KUBERA RWUBAHUTSE KUVOGERA AHARI UMUTIMA W’AFRICA.

  • @ Mucokozi, Kagome ntigeze ayijamwo kuko nabany’Amerika baribaramumeneye ibanga cukuntu CPI ikora bacabamubwirako atoyijamwo.

    @Tari, muveko Mzeeh Juma mwenivyo vyokuva mubintunkabirya umukuru wigihugu ntiyobitanguza kandi ntiyobibuza abanyagihugu beshi bamaze kuvyiyaniriza.
    Nashaka ndakubwireko bitarenze uyumwaka haribihugu birenze bitanu bizobavyavuze nkukwo Africa yepfo yavuze .
    Hanyuma mwumyaka njibiri igiyejuza canke bitarenze 2020 ibihugu vyose VY’AFRICAvyaribisanzwe biri muri CPI vyose vyose bizobavyavuyemwo.

  • BURYA IMANA NIYO MUCARUBANZA BABA ABAZUNGU CANKE ABIRABURE TWESE TWARI DUKWIYE KUMENYA KOTWAREMWE NIMANA NICOGITUMA TWESE TURUMWE

  • NTANKEKA HAZOSIGARAMWO IBIPINGA N INKORABARAGUSA.

  • Burundi komeza ubere akarorero keza ibindi bihugu .

  • uburundi ivyo bwakoze bifise ishingiro kuko bwatanze ibirego bwa bateye uburundi nukuvuga urwanda ntacavuyemwo batangimitahe yogufata abaize kudeta ntacakozwe none iyo sentare wumva imaziki turashigikiye ko africa yose ivamwo nihumure irabe iyo sentare niyo gucinyiza abategetsi bibihugu vya frica kugira hazoze hatwara abo abobazungu bashaka kandi bashatse gusambura ibihugu baca bashigikira opostion murabe ivyabaye muri ribiya bibere afurica isomo nivyo bashaka kugira muburundi ngo murwanda ngo vyaratotse kuko bimitse kagame bashaka ko muburundi naho bica sebarundi ngo bimike uwo bashaka twagira dutakambire ishirahamwe onu ribe maso rikabona ryongeye gusesa maraso muburundi nkayo ryavishije murwanda rizobibazwa

  • Afrika yoronka ba Nkurunziza batanu , yoba yogoroye. Dukeneye abandi ba Nkurunziza atari abakuru b’ibihugu b’ibikorosho vy’abapfukamye mu nda Afrika.
    Afrika ikeneye abandi ba Nkurunziza bankira les faisseurs de genocides ko babandanya bamara abanyafrika.
    - Nkurunziza yarabaye intwari mu kuja imbere y’imashini y’abashaka ko amaraso asubira guseseka muri uwo mugabane wa Afrika.
    - Nkurunziza yareretse Kagame n’abo basangiye umugambi mubi wo kumara les Bantu muri ako karere ko boteshwa bagata.
    - Nkurunziza yarerekanye ko Afrika ishobora kubaho idateze amashi abakoroni n’abicanyi.
    Mu Burundi hamye havuka intwari: Rwagasore, Mirererekano, Ndadaye... Nkurunziza urabaye Moise w’Abarundi na Afrika. Imana ibandanye ikuja imbere.

  • Burundi urama uba imboneza murivyose nibindi birinyuma rindira gato peu a peu le myte du blanc sera demystifier wait and see

  • Ubwo uburundi bwavuyemo inkoramaraso kagame (urwanda) irajyamo nyuma abazungu bazayijyane i Lahe

  • Buke buke bukomeza igihonyi ubu nukuva muri sentare mpuzamakungu (CPI) ejo hazob arukuva muri ONU kandi ONU itikebuts izosezeregwa a la long nigute abasoda bagiye kugaruka amahoro muri congo RDC nubu ataco barashikako ahubwe la situation devien de plus en plus mal au congo

  • Burya, ntibitangaje kubabatanguye guhunga ubucamanza! afrika yepfo mwibuke kwirwiriyemwo abicanyi nkongaha muburundi. Ndabibutse ntamwaka wi jana muri afrika yepfo atabantu bagandaguwe, mama ngo nabanyamahanga nabandi nabandi, ntamunyagihugu yo genda kwica adashigikiwe nabamwe mubategetsi. Ningobwa rero barondere uburyo bokwisokora, bazokore amabi atawubakurikirana, kuba reta ya afrika yepfo ya ranse gufata urya mwicanyi wa Sudani, ntamusuma yo fatisha umusuma mugenziwe, niko numwicanyi ategerezwa gukingira umwicanyi nkaweeeeeee.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.