Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agathon RWASA asaba abatware gukorera abarundi bose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Agathon RWASA asaba abatware gukorera abarundi bose

Agathon RWASA asaba abatware gukorera abarundi bose

mardi 14 Ntwarante 2017

Umukuru w’umugambwe FNL utemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Agathon RWASA asaba abatware kumenya ko igihe umuntu abaye umutware ataba akibaye uwo umugambwe avamwo ariko ko ari uwo abanyagihugu bose.

Mu kiganiro murisanga co kuri radiyo ijwi rya Amerika ku mugoroba wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ntwarante,umwaka wa 2017, Agathon RWASA yavuze ko atinjiye muri politike kubera amaronko, ariko ko yagiyeyo kubera arajwe ishinga n’ineaa y’abarundi bose.

RWASA Agathon arongoye umugambwe FNL utemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko umutware yakoreye neza abanyagihugu ata mvo yo gutinya ko atsindwa mu matora, kuko yakoze neza abanyagihugu baramutora.

Muri ico kiganiro, RWASA Agathon yavuze ko ku ruhande rwiwe abandanya kwibutsa abatware ko bategerezwa gukorera abarundi bose, abamukunda n’abatamukunda kugira abafashe bose gutera imbere.


IGIHE

Messages

  • ivyugutarira bose ntibabikozwa aba dd

  • MUZEHE UMUHUTU WINZIRA BWOBA TSINDA 2020, WEWE WITEGURE GUKURA UBURUNDI MUKAGA BURIMWO, BUTWAGWA NUWUFISE UMWITWARARIKO YAMARONKO NUBUGUNGE. KOMERA KOMERA, TSINDAAAA

  • Ushima Atwarira Bose, No Mwikomine Uvukamwo Wewe ,abagumyabanga Baratsinze ! Abarundi Turi "yeux" ,kora Ntiwishinge Amajambo...

  • Abategetsi nka bose Ni bamwe kwisi yose nkuyemwo nyakwigendera Khadafi yahoze ari President WA Lybie.yazize urukundo yakunda Afrika, igihugu ciwe , n abanyagihugu biwe. Itunga rya Lybie ryari iryo umunyagihugu wese. Ntiryari irya president nakarwi kabamuri hafi bamushigikiye.Abandi nka bose batwarira imifuko yabo, imiryango yabo, ubwoko wabo, canke intara yabo. Igihugu kizoronka umutegetsi nka Khadafi kizoba gihiriwe. Na Amerika yaremye amabwirizwa y’ukwubahiriza agateka kazina muntu be na democratie umutegetsi nka Khadaf ntikorako kuva yaterwa ikamera.Kandi birashoboka na Khadafi yarabishoboye naho yabizize.ntaco n ubusa burazirwa.abarundi natwebwe uwo mutegetsi twomuronka.turabafise abantu benshi buzuye ubuntu. Turetse kwumviriza abangushi , ubwoko bwose, intara zose, ibitsina vyose, tukibukako Uburundi ari ubwato Imana yaduhaye tugenderamwo twese. Uwigumuye akabutobora dutwarirwa hamwe.tububungabunze twogororera rimwe.Nitwaguma twimbiranira duhisha ivu tuzorwa mwivyo binogo twiyimbiye amakungu ahakure umushiho. Kerebuka!Ikangure!twubake umurima w isangi wuzuye kazoza ariko abamenja bashaka kudutesha. Turi bamwe. Turi abarundi.Ahari ubumwe umuhoro uramwa.Turengere ibidutandukanya vyose n ubukunzi bw Inda.UNITED WE STAND. DIVIDED WE FALL.Turashoboye kuba nka Khadafi. Turashoboye gutwarira abanyagihugu.Ego turabishoboye.Ego turabishoboye.Ego ndabishoboye. Ego urabishoboye.ugara amaso ucape igihugu Ushaka gusigira abuzukuruza bawe. .ushaka kubasigira iragi nyabaki?Iyumvire !Jewe nahejeje., nshakako abuzukuruza banje bogira iyo baja niyo baba.Nshakako bagira ijambo.nshakako bagira amahoro n umutekano.Nshakako bagira Izina.Nshaka ko batazoba impunzi nkanje. Murakoze. Tugire Ubuntu!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.