Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ahmad al-Faqi al-Mahdi yaciriwe urubanza, akicuza ku caha yakoze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ahmad al-Faqi al-Mahdi yaciriwe urubanza, akicuza ku caha yakoze

Ahmad al-Faqi al-Mahdi yaciriwe urubanza, akicuza ku caha yakoze

mardi 27 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yahanishije umunyororo w’imyaka icenda Ahmad al-Faqi al-Mahdi yiyemereye icaha imbere ya sentare, icaha c’ugusambura intatemwa zo mu gisagara ca Timbuktu co mu gihugu ca Mali. Ahmad al-Faqi al-Mahdi yabonetse asa n’uwicuza ku vyaha yakoze.

Ico caha yagirijwe cakzwe igihe umurwi wishimikiza amategeko ya ki islamu wifatira akarere k’uburaruko bwa Mali, Ahmad al-Faqi al-Mahdi akaba ariwe yari ayoboye ibikorwa vyo gusambura inyubakwa zo mu gisagara ca Timbuktu.

Inyubakwa zasambuwe zirimwo intatemwa n’imisigiti mu kibanza gishingura ivya kera vyaranze idini rya islamu, nk’uko tubikesha BBC.

JPEG - 32.6 ko
Ahmad al-Faqi al-Mahdi yiyemereye icaha imbere ya sentare

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ivuga ko hari ibituma uwo mugabo yari gupfungwa gushika ku myaka 30, ariko akaba yagabanirijwe igihano. Bimwe muri ivyo vyatumye akubitwa inkoni ngufi, n’uko yerekanye ko yicuza, kandi yabanje kunana gukora ico caha, atako ababazwa n’imiryango y’abo ico caha cakozwe cagizeko ingaruka.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yamenyesheje kandi ko ikindi catumye Ahmad al-Faqi al-Mahdi agabanirizwa igihano, ari uko yanyarukije kwemera icaha, ivyatumye iyo sentare idata umwanya canke isesagura mu gukora amatohoza ku rubanza rwiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.