Accueil > Amakuru > Poritike > Aime MAGERA amenyesha ko hari umugambi wo kugandagura Agathon (...)
Aime MAGERA amenyesha ko hari umugambi wo kugandagura Agathon RWASA
dimanche 5 Ruhuhuma 2017
Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA Aime MAGERA amenyesha ko hari umugambi uriko urategurwa wo kugandagura umushingamateka RWASA Agathon kuri uno wa mbere igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2017,igihe hazoba hahimbazwa umunsi mukuru w’ubumwe bw’abarundi.
Aime MAGERA avuga ko mu mugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bafise amakuru atohoje neza yuko kuwa gatanu igenekerezo rya 3 Nzero umwaka wa 2017 habaye inama yo gutegura uwo mugambi,iyo nama ikaba yabereye mu bunwero bw’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD.
Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko iyo nama yitabwe n’abahoze mu mugambwe FNL bari kumwe n’abaheruka gukurwa mu burongozi bw’umugambwe FNL .
Aime MAGERA avuga ko Uburundi bubangamiwe,kuko ibintu bitera vyononekara aho gutera biba vyiza ,kuko hari umugambi wo kugandagura uwo wese atavuga rumwe na Reta.
Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushira igihugu c’Uburundi mu mugabane w’indwi kugira abarundi bakingirwe.
IGIHE
Messages
5 Ruhuhuma 2017, 10:31, par Ndiho Kubwayo
Ko Abatavuga Nareta Aribbeshi Nibica Babamara Hazosigara Aba Dd Bobo Ntibazosubiranamwo Ibihugu Vyarutra Nbirabe Bigire Nkakurya Kwo Muri Ribiya Na Gambiya Ahandho Turahero
5 Ruhuhuma 2017, 14:25, par Mwumba
Erega CNDD-FDD ntawe izosiga,Rwasa Agathon akingiwe n’Imana ntaco azoba, ahubwo Desire Uwamahoro niwe agira yicwe
5 Ruhuhuma 2017, 14:45, par oliver
None yiyumvira ko umuriyaridi w’amahera nkurunziza yamuhaye ngo atagumuka ntago yoyoheza
5 Ruhuhuma 2017, 16:03, par Musaga
@mwumba(petit mujeri). Kubera aba sans echecs mwatsinzwe iyo mwibarabara,ndetse niy’amasasu ubu umunwa niwo mushize imbere wa ntagondwa mwe. None Agatho rwasa yagusabye ngo umuvugire wa mujeri we. Uwakunyereka uwo munywa wawe uhora uribwaribwa twawuboneye umuti.. Amazirantoki ashushe niyo yakuvura iyo ndwara.
5 Ruhuhuma 2017, 19:25, par Umuvugiziwa FNL
Amahera weeeee!!!!!!!!!!!
Mbese buryantimubona iyomigambi mwahawe yokurondera iyomuja gusabiriza bmubanjije kugereka inkono ishushe benewanyu musize Burundi komutazoyironkana imigisha!?
Eheraba abandi usanga bageze Bugande, Rwanda,Tanzania nabandi,
bavugango’ ndabangamiwe n’Imbonerakure, abandi ngo ndabangamiwe ngokubera ntashigikiye ikiringo 3 ca Nkurunziza!
HCR nayo womengo noyohababwiye ibikenewe kuvurwa kugira umuntu aronke ubuhungiro bitagoranye.
Ejobundi numvise umuntu ampamagara yishimwecane ambwirango’ ubu ndi Bugande narahunze nawe kubera abarundibeshi barimu Burundi baziko abarundibose barihanze ngobanka reta irongowe na Nkurunziza, namubajije atinbega nuhageze mucanwiyinjirira munkambi? Nawe avuganumutimamwiza atitangiriye itama yaciye ambwirango turabanza tukabazwa igitumye duhunga, atirero hariho ibintu 3 bisabwa kuvuga navyobikaba ari : Imbonerakure zashaka kunyica, sinashigikiye ikiringo cagatatu cumukuru wigihugu, ndibatavuga rumwe na reta bamabashaka kugirira nabi, ativyo abarundibose ahobari barabizi kwarivyo uvuga usaba ubuhungiro, atinanje urabonako nagiriraniye ikibazo nuryamuntu amaherayiwe yanzimiriyeko atintayinarikuronka kwarukushira mugasho ati atarico catumye mvayo atintayindingorane narimfise, atirero kugira bampe ivyokumfasha nkimpunzi navuze ivyo abakira impunzi zabarundi bashaka navyo nibirya nakubwiye.
Narumiwe ariko naramubwiye nti: ariko warirwanyeko at ariko waraboshe wambika ibara abataribake atikandi biryavyose wavuze biruhukira mumashirahamwe akomakomeye yose yokwisi harimwo na ONU , ugasanga barikobarakorera kubinyoma kukobaba bahawe inkuru zitarinzo nkukwo kwawe.
Nawe ngo none kontarikuronka ubufasha ntavuze birya ngokandi ntabushobozi bwokwitunga narimfise, atinbere ntakubeshe murababantu bose wumva bahunze kuva murib2015 kugera nubu abavugishije ukuri ngona 5% ntiwobaronka.
Yaciye abonabantubaje acaranuma, ariko yariyahejeje kumbarirako ngoyisiguye kubategetsi bari Burundi ababwirako haraye yigomboje kubesha kugira abeho munkambi yimbunzi ngohariho nivyobanbwiye ngiye kuzobafasha ahanyenendi atikandi narabitanguye birikobiragendabeza ngo kuko harihonabo baciyebanbarira babangaha basanzwe bafasha reta YU Burundi turanenyeranye mwibanga atusangajeshi tutigera turonka akanya kokubaturihamwe ngoturavyirinda kugira ntibaducishemwo ijisho ngobamenye ivyacu.
6 Ruhuhuma 2017, 02:59, par Mwumba
@Musaga! narakubariye ko uri Interahamwe!none nkayo mazirantoke uhora urya nayo majambo udedemba ubona utarasaze wewe! ujinga mzigo
6 Ruhuhuma 2017, 03:41, par Morodikayi Jon
Kwa Nkurunziza ntibarahamenya, nubundi yaramutebeje! numusumwe mukumva ati yakuye kwizosi. Abobagabo CNDD-FDD ntiberekwa umunye poritike atari mumurwi wabo, bazoruka bose babahejeje basigare batamba birorera, ivyo niko biri kandi bazobishitse.
6 Ruhuhuma 2017, 13:15, par NIYONSABA
IVYO NIBINYOMA KUKU INAMA NKIYO NTIYOBERA MUBUNYWERO
6 Ruhuhuma 2017, 18:48, par RUNYENZINKOTANYI
Mwumba=Mujeri×2
6 Ruhuhuma 2017, 22:46, par MUTUTSIWUBWENGE
@mwumba (impene). Hekenya impengeri z’i Mahama nibyo ushoboye kuko kuva nakera mutajya muvana amaboko mumpuzu mwangunzu z’abasongarere(Mujeri-Tutsi).
7 Ruhuhuma 2017, 00:14, par Yaga
Uyu mutype witwa Mwumba ntaho ataniye na Rubebe