Accueil > Amakuru > Mu makungu > Alabama : Umucamanza adashigikiye abubakana basangiye ibitsina yahagaritswe (...)
Alabama : Umucamanza adashigikiye abubakana basangiye ibitsina yahagaritswe mu kazi
samedi 1er Gitugutu 2016, par
Umucamanza mukuru w’intara ya Alabama yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yahagaritse mu mabanga yiwe, akaba yahowe ko yanse gukurikiza itegeko rya sentare nkuru, ku vyerekeye ukwubakana kw’abasangiye igitsina.
Umucamanza Ray Moore yasavye ko abashaka kwubakana basangiye igitsina babima urupapuro rwo kwubakana, inyuma y’aho mu mwaka uheze hemerejwe ko abakundana basangiye igitsina bashobora kwubakana.
Uwo yahagaritswe mu kazi yavuze ko ingingo yo kumukura ko ari isekeza ryakozwe n’abakundana basangiye ibitsina, ryo kubandanya ingendo itandukanye n’imico n’imigenzo.
- Umucamanza Ray Moore
BBC ivuga ko umugwi w’abashigikiye ukwubakana kw’abasangiye igitsina wamwitwariye, wavuze ko yahawe akazi nk’umucamanza mukuru atari ak’umumenyeshamana.
Moore, azwi cane ku ngingo yafashe yo kwubaka umunara w’amabwirizwa cumi yo muri Bibiliya, ku nyubakwa ya sentare yo muri iyo ntara, kandi yiyamiriza ku mugaragaro abakundana basangiye igitsina.
Uwo mucamanza kandi, hari igihe yasavye abacamanza bo muri iyo ntara ya Alabama, kudaha impapuro abubakanye basangiye igitsina, biteye kubiri n’ingingo ya sentare nkuru muri Amerika ibaha ubwo burenganzira.
IGIHE
Messages
1er Gitugutu 2016, 13:35, par ciza
Is ikeney abagabo nkabo batemera ubuhimbiri bwokurongorana kubasangiy ibitsina. Urumugabo nka président nkurunziza’ abo bazungu babakozi bashetani ntabwoba bazodutera ’umuti wabo namasengesho’ ivyo nivyo bapacific bariko baraturonderera murayo mashetani yabazungu
1er Gitugutu 2016, 15:14, par DAMIEN
MANATABAR’ISI
1er Gitugutu 2016, 15:34, par DAMIEN
YESUNIWERIBARIMAR’INYOTA
1er Gitugutu 2016, 16:24, par .
Ubuntimubonye ko atamuny’america afise uburenganzira mugihugu ciwe!?
America hari reta yigihugu.
1er Gitugutu 2016, 17:51, par Richard
Isi Ikeneye Abagabo Nabagore Bahagarara Neza Murikigihe.Nkuwomucamanza
1er Gitugutu 2016, 17:53, par Richard
Isi Ikeneye Abagabo Nabagore Bahagarara Neza Murikigihe.Nkuwomucamanza
1er Gitugutu 2016, 18:49, par Mukristumurugendo
Ararenganijwe gose akoze ivyiza aciye itwa mubi.
Ababi nibobasigaye bafise ijambo ngaha kwiy’Isi!
Reba ngaha Burundi reta yabwiye amakungu ati abatanguje ubwicanyi harimwo nabagerageje gukubita kudeta bahagarikwe iyobarihose ariko amakungu ahokubikora yaciya afatira ibihano uburundi maze ayomakungu acayibandaniriza kwikoranira nabobaribakwiye gushikirizwa ubutungabe maze ayomakungu akakira ivyabwiwe vyose nabobantanguje imigumuko nubwicanyi!
1er Gitugutu 2016, 23:37, par nsaguye andré
emwe! isiyarangiyekweri.mbegabishobokagute kumugaboyabirumugabonkawe? cankumugore kumugorenkawe.ahubworero nidukovyegusenga kukotwagezemwayamisiyanyuma.
1er Gitugutu 2016, 23:45, par Kuri
UYO NUMUKOZI WIMANA AKWIYE PE ! IMANA IMUHE KWIHANGANA KANDI ARONKE AKAZI KARUTA AKO
2 Gitugutu 2016, 04:46, par Mpozamarira Erias
Turakeje uwomucamanza kuriyo ngendo nziza ishimishije ya fashe yokudashigikira ivyobihumane. nakomere kwibanga isi yiba,yarimwo abantu nkabo, yohindutse paradiso.
2 Gitugutu 2016, 11:05, par John Luc Bizimana
Uwo Mucamanza Ahowe Ubusa Kuk Ivyo Bintu Nibara Imana Yavuze Ko Umugabo Azobana Numugore Ntiyavuze Umugabo Kuwund Cank Umugore Kuwund . Turagabe Umuhero Washitse Kweri !!!
2 Gitugutu 2016, 11:09, par Ruzobavako
Yanse Kuba Mpemuke Ndamuke.Yaratahuye Ko Atavutse Ari Umucamanza Ico Kibanza Ari Icisi, Nayo Isi Ifise Umutware Wayo, Nawe Yomowe Burundu Mwiparadizo.Ivyo Bihemu Navyo Nivyitize Ububasha, Vyifashishije Ubugarariji,urwaciriwe Rusiferi Shebuja Wabo Rurabarindiriye.Cokimwe Nabo Bategetsi Basinya Amategeko Yaboze, Bihaye Umugambi Wokugarariza Umuremyi, Umuhanuzi Habakuki Ati:mbe Mukama Nikuki Undeka Ngo Mbone Ayo Mabi Yose Akorwa Kandi Ukihorera,....1:2-3 ;2,2-4 .Abo Bagarariji ,ivyo Bivume Nivyumve,
2 Gitugutu 2016, 20:00, par nsaguye andré
nonegayemwe!bigiyekumeragute?ubunyenekarashizinganiduhinyuze imana?mbeganonekw imanayaremyumugabo hanyum imazekubonakobitabereyekoyibana igac irem umugore kugirangobabane bishobokagutekubasangiy ibitsina kobubakana? abobantu imanayarikwiyekubahanabatarabib iyombutombikwisiyayo.kandibitebebitebuke ukubokokw imananikurekure irababona.
3 Gitugutu 2016, 19:58, par Divine Cankuz
Nukuri Imana Izobahana Ntankeka.Yemwe Mwibuk Ibi Nibihe Vyiherezo Uwezwa Niyezwe Uwandura Ashishikare
4 Gitugutu 2016, 18:58, par nduwayo
Amategeko yisi ntiyambaye ipantaro
15 Gitugutu 2016, 10:04, par Andre mussa
Ray Moore ingingo wafashe ninziza caaaane IMANA irikumwe nawe,urakomereza ngaho IMANA irakubona nka President NKURUNZIZA Pierre kizire ko shetani yiganzira isi.harageze ko IMANA yiyerekanako ari IMANA kwisi yose.Abagukuye bazotangara nibaguma babona ivyo wemeje habonetse n’abandi babikomerako