Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ali Bongo : "igikenewe cane kandi gikwiye gukorwa, ni ukwubahiriza twese (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ali Bongo : "igikenewe cane kandi gikwiye gukorwa, ni ukwubahiriza twese (...)

Ali Bongo : "igikenewe cane kandi gikwiye gukorwa, ni ukwubahiriza twese amategeko"

mercredi 7 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihugu ca Gabon, ku ncuro ya mbere kuva aho umurwi w’igihugu umenyeshereje ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yakurikiwe n’ubugizi wba nabi, umukuru w’ico gihugu Ali Bongo Ondimba yavuye mu gacerere. Yagumye kuvyo yemera ko ariwe yatsinze amatora. Mu gihe abatavuga rumwe nawe basaba ko amajwi yosubirwamwo guharurwa, Ali Bongo avuga ko vyose vyobazwa sentare y’igihugu ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro. Ku bijanye n’ubugizi bwa nabi bwabaye, Ali Bongo avyegeka ku batavuga rumwe nawe yagiriza ko babiteguye kuva imbere y’amatora. Ali Bongo yaganiriye na Sébastien Németh hamwe na Boris Vichith b’insamirizi RFI.

RFI : Intumwa z’ubumwe bwa Afrika ziteguriye gushika i Libreville. Mwiteze iki muri urwo rugendo?

Ali Bongo : Twisunze umuco w’ukwakira abantu w’abanyagihugu ba Gabon, tuzokwakira izo ntumwa.

Ubugizi bwa nabi bwakurikiye amatora hamwe n’ukutumvikana kuvyavuye mu matora, cane cane abatavuga rumwe b’ubutegetsi. Muzobwira iki izo ntumwa z’ubumwe bwa Afrika?

Dutegerezwa gutahura ko mu mwanya tugezemwo, igikenewe ari ukwubahiriza amategeko. Amazina amwe amwe ntashobora kwiha kutamenya amategeko. Kuba uwuharanira intwaro rusangi mwiza, bisigura kwubahiriza amategeko y’igihugu.

Ariko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ONU, Ubufaransa, Reta zunze ubumwe za Amerika, abo bose basaba ko amajwi asurwamwo guharurwa, ku biro vyose vy’amatora. Ntimwiteguriye kwemera ivyo vyasabwe?

Noba ntegerezwa gutahura ko bariko bansaba guhonyanga amategeko?

JPEG - 77.4 ko
Ali Bongo, umukuru w’igihugu wa Gabon

Mbega ari mu ntumbero y’ugukingira amahoro y’igihugu, ntibikwiye kugerageza kurengera ivyanditswe mu mategeko?

Bariko bambwira ko ntegerezwa guhonyanga amategeko, tuvugane mu majambo atomoye. Bansaba guhonyanga amategeko? Biratandukanye n’ivyagirizwa kenshi abanyafrika ko badakurikiza amategeko y’ibihugu vyabo. Jewe, sintanga amategeko. Ndayashira mu ngiro. Kandi nico gikorwa ca Reta iyariyo yose. Muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro nibaharure, basubire baharure mu biro vy’amatora vyose, ariko bibere muri iyo sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko batizeye urwo rwego rwubahiriza ibwirizwa shingiro, bakarwagiriza ko ruhengamye, kandi ko n’ingingo zishikirizwa n’iyo sentare ziba zizwi. Mwishura iki ngaho?

Nishura ko iyo uwo mutavuga rumwe n’ubutegetsi atsinze amatora yemejwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, mbana ata kibazo na kimwe iyo sentare iba iteye. Kubera iki none ivyavuye mu matora vyoba bihengamye? Kubera iki?

Mu ntara ya Haut-Ogooué yatahukanye intsinzi ku majwi agera ku bice 95 kw’ijana. Benshi bavuga ko habaye ubusuma. Mwishura iki kuri ivyo vyagiriji?

Biratangaje ingene bavuga ivyo mu ntara ya Haut-Ogooué aho naronse ibice 95 kw’ijana, ariko bataraba ivyavuye mu bindi bice vy’igihugu aho Jean Ping yaronse amajwi ibice 100 kw’ijana. Namba Jean Ping hari ikibazo yabonye, niyiture sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro.

Mbega ibiganiro birashoboka na Jean Ping hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi ?

Muri uwu mwanya, igikenewe cane kandi gikwiye gukorwa, ni ukwubahiriza twese amategeko.

Ariko n’umushikiranganji w’ubutungane Séraphin Moudounga, yatanze imihooho kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 5 Nyakanga, yari yaguhanuye ko amajwi yosubirwamwo guharurwa?

Jewe ntitwavuganye. None yampanuye ryari?

Mbega uno munsi mufata igihugu ca Gabon ko n’ubu cubahiriza intwaro rusangi?

Gabon yubahiriza intwaro rusangi. Ndibutsa kandi ko itegeko rigenga amatora ryacu riri mu mategeko atomoye, kandi atagira utunenge. Iyo uwahiganwe atsinwe, arafise inzira acamwo kugira yiyamirize ivyavuye mu matora, ariko agaca ahitamwo kurungika abantu mw’ibarabara guturira, gutera ubwoba hamwe n’ukurasa abajejwe umutekano.

N’abajejwe umutekano bararashe. Ntimubona ko habaye ukurenza urugero?

Nobabwira ko iyo haba ukurenza urugero, ibintu ntibiba bimeze uko vyifashe ubu. Abajejwe umutekano bacu ni babitumwako, ku gikorwa baranguye. Iyo bakurashe urirwanira. Jewe naragendeye ibitaro vya gisirikare, narabonye abasirikare n’abaporisi benshi bakomeretse. Narabonye abarashwe. None ntibaze kutubwira ko yari imyiyerekano itekanye. Mbega ukwiyamiriza ivyavuye mu matora ni aho bishikana?

Mwoba mufise ubutumwa mwotanga kugira haboneke agahengwe?

Nivyo twama dukora. Jewe narerekanye intambwe. Si abanywanyi banje bihereje amabarabara kugira baje gusambura n’ugusahura. Turazi iyo bavuye, turazi n’uwabahaye itegeko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.