IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amabi afatiye ku gitsina akorwa ni menshi kuruta gushurashuzwa ku (...)

Amabi afatiye ku gitsina akorwa ni menshi kuruta gushurashuzwa ku nguvu

mardi 20 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Kubw’uwo muforoma, hari amabi sesereza umubiri, ayo nayo ni nk’ugukubitwa, gukomeretswa, n’ayandi.

Hari amabi asesereza umutima, aho harimwo gutuntuza umutima, gutuka, hari gushurushuza ku nguvu aho hakaba harimwo kuranguza amabanga mpuzabitsina umuntu atabishatse.

Hakaba hari kandi n’amabi afatiye ku butunzi, aho usanga umuntu akumirwa canke akabura uburenganzira bwo kuronka ivyo yategerezwa kuronka kubera ko yavutse ari umwigeme.

Ayo mabi uko ari ane, nk’uko bivugwa na Gloriose NYAKUZA, yose afise ingaruka mbi zitari nziza na gato haba ku magara y’umubiri haba no mu buryo bw’ibigumbagumba.

Mu gihugu c’Uburundi, ayo mabi afatiye ku gitsina arahari vy’ukuri, ikigo Seruka cakira hagati y’abantu 100 n’110 baba bakorewe ayo mabi afatiye ku gitsina buri kwezi. Muri abo, 60 kw’ijana ni abana baba bari munsi yimyaka 18, muri rusangi rero ico kigo Seruka mubacitura benshi baba ari abakenyezi ibice 95 kw’ijana vy’abakenyezi ku bice 5 kw’ijana vy’abagabo babitura.

Ikibabaje kubwa Gloriose NYAKUZA, umuvuzi muri ico kigo "Seruka", n’uko ababa bakorewe ayo mabi badaheza ngo babivuge kubera batinya gutumwa urutoke canke kumaramara.

Uwo muvuzi atera akamo abo bose baba bashikiwe n’ayo mabi kwegera ibigo vyakira kandi bigafasaha ababa bashikiwe n’amabi atandukanye kugira ngo bafashwe, nk’akarorero bakitura ikigo Seruka cakiri abantu bose baba abashikiwe nayo mabi, yaba abana bakiri bato, abakenyezi, mbere n’abahungu naho bobo uwo muvuzi avuga ko atari benshi cane.

"Imbere y’ukwitura ubutungane, uwuba yashikiwe n’amabi ayariyo yose afatiye ku gitsina abanza kwitura abaganga nyabuna hakiri kare.", uko niko uwo muvuzi ahanura, akibutsa n’ingaruka z’ukwo guhohoterwa.

"Ingaruka mbi ni nyinshii gose kurabo bose baba bashikiwe nayo mabi aho twovuga nko ku bijanye n’ivyirondoka rijanye n’amagara meza, imbanyi umuntu atifuje, kwandura ingwara zandurwa biciye mu guhuza ibitsina, ibikomere, guhahamuka."

Gloriose NYAKUZA yibutsa ko izo ngaruka mbi zose zishobora kwirindwa mu gihe umuntu yituye ibigo bifasha mwene abo bantu bashikiwe nayo mabi afatiye ku gitsina, imbere y’iminsi itatu ni ukuvuga imbere y’amasaha 72.

N’aho uwakorewe amabi aba yarengenje ayo masaha, abaganga bahanura ko ari ivy’ingirakamaro cane kuja kwa muganga.


Ornella DUSHIME

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.