IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amahera y’ishure agiye kuba intambamyi muri kaminuza y’Uburundi

Amahera y’ishure agiye kuba intambamyi muri kaminuza y’Uburundi

mercredi 28 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe habonetse amategeko mashasha agenda amahera y’ishure, abanyeshure batoye ikibazo ca "Master" cakoreshejwe na Kaminuza y’Uburundi, ndetse n’abize ibisata aho bategerezwa kubanza gukurikirana inyigisho zibongerereza ubumenyi mu bijanye no kwigisha, bamenyesha ko ayo mahera y’ishure(minerval) aje kubabera intambamyi mu gihe benshi muribo bava mu miryango ikenye.

Abo banyeshure bahejeje igice ca mbere c’inyigisho za kaminuza (baccalaureat) bavuga bati : "Benshi muri twebwe na cane cane abize Kaminuza y’Uburundi tuva mu miryango ikenye, abavyeyi badufashije dutangura ishure gushika turangize igice ca mbere c’inyigisho za kaminuza, babonye duhejeje bariruhutsa babona ko bagiye kwitwararika batonya bacu, none bigiye kugenda gute? Ahubwo Reta n’irabe idufashe ikureho ubwo burwo bw’umurengera bwerekeranye n’amahera y’ishure.”

Iyo mwidogo ije inyuma y’aho hasohokeye urwandiko rw’ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi ruvuga amahera y’ishure agiye gutangwa n’abanyeshure mu ntumbero yo kubandanya inyigisho z’igice ca mbere, n’ica kabiri ndetse n’igice ca gatatu (Master et Doctor) aho muri baccalaureat hazotangwa amafaranga angana n’ibihumbi amajana atanu (500.000 Frs Bu), muri Master umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana indwi (1.700.000 Frs Bu), muri Doctorat naho akaba angana n’imiriyoni zitatu (3.000.000 Frs Bu).


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.