Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Amakarata simu ya Lumitel atangwa nko ku buntu yuzuye uturusho
Amakarata simu ya Lumitel atangwa nko ku buntu yuzuye uturusho
mercredi 12 Ndamukiza 2017, par
Bishasha muri Lumitel Burundi.. Gura amakarata simu Bronze, Silver, na Gold uheze wironkere uturusho tungana n’amafaranga uguze iyo karata simu ifatwa nk’iyitanzwe ku buntu. Si ivyo gusa, ikarata simu yose iguzwe iherekezwa n’igabanurwa ry’ibiciro vy’uguhamagara ku munota, ubudasa n’ikarata simu isanzwe igurwa amafaranga amajana atanu y’amarundi. Abaguze izo karata simu nshasha baronswa uturusho ku kwezi ku kwezi.
Ikarata simu « Bronze » igurwa amafaranga ibihumbi bitatu vy’amarundi (3000 Frs), uwuyiguze agahabwa ama inite angana n’ibihumbi bitatu nyene. Umunywanyi ayiguze ahamagara ku mafaranga 145 ku munota, agahabwa akarusho ko ku kwezi ka SMS 50 hamwe na MB 300. Iyo karata simu ifasha umunywanyi kuronka ku buntu Mobiletv.bi na keeng.bi ku bakunzi b’indirimbo z’ubwoko bwose.
Ikarata simu "Silver" igurishwa amafaranga ibihumbi bitanu (5000 Frs Bu), ikaba irimwo ama inite angana n’ibihumbi bitanu nyene. Uwuyikoresha mu guhamagara ariha amafaranga 117 ku munota, hamwe n’akandi karusho ka SMS 100 hamwe na MB 600 ku kwezi.
Ikarata simu Gold nayo igurwa amafaranga ibihumbi cumi (10000Frs Bu), ikaba irimwo ama inite agera ku bihumbi cumi nyene. Mu guhamagara, umunywanyi ayikoresheje ariha amafaranga 114 ku munota, agahabwa ku kwezi akarusho ka SMS 300 na GB 1,5.
Mwomenya ko amakarata simu ya Silver na Gold atanga uburenganzira bw’ukuronka ku buntu mobiletv.bi, keeng.bi, Akadiho hamwe na MCA.
Banywanyi ba Lumitel, ayo makarata simu ariho mu mazu yose y’ubudandaji ya Lumitel.
IGIHE
Messages
12 Ndamukiza 2017, 19:14, par Wakera
Murakoze kubandanya musahura abarundi mu kudandaza umuyaga
12 Ndamukiza 2017, 22:43, par thierry
murakoze kuduha ayo makuru
14 Ndamukiza 2017, 18:34, par Aristide
Gusa ivyo mubigira ubu ariko haheze nk’imyaka nki 2 canke itanu harigihe muzosanga mwabihinduye atakarusho na 1 mutang.Mugasanga mwayifashe nkayand ma carte SIM. Kuko n’ubwa 1 mwavugango hariho carte SIM y’abanyeshure y’akataraboneka muvugako mutanga MB na SMS burukwez ariko ubu ntavyo mutanga. n’izo sinozizera kuko muzobihindura ndabizi.
18 Rusama 2017, 16:07, par Nijimbere Mannuella
Murakoz Vrmt Iyo Nkuru Mumpay Noe Izi Nazo Twaguz Kar Igihumb Naz Ntimwoshobor Gutuh Natw?
6 Myandagaro 2017, 18:33, par BHAHOZAKO SAMWELI