Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Amata yose ahingurwa n’ihinguriro Lactalis yahagaritswe kudandazwa mu (...)
Amata yose ahingurwa n’ihinguriro Lactalis yahagaritswe kudandazwa mu gihugu
vendredi 19 janvier 2018
Iyo ngingo ifashwe inyuma yaho ubwo bushikiranganji bumenyeshereje ko buhagaritse urudandazwa rw’amata y’abana ahingugwa na Lactalis mw’itanganzo ryasohowe kw’igenekerezo rya 11 nzero 2018.
Dr Josiane NIJIMBERE asaba abajejwe amagara y’abantu n’inzego zose gufashanya n’abajejwe intwaro hamwe n’umutekano kugira iyo ngingo ije mu ngiro.
Tubibutseko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida bwari bwafashe ingingo yo kubuza urudandazwa rw’amata y’abana ahingurwa na Lactalus inyuma yaho iryo hinguriro rimenyesheje ko, ayo mata arimwo imigera bita salmonella mu rurimi rw’igifaransa itumwa umwana amererwa nabi mu nda.
BIKORIMANA Vianney