Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amategeko ya Amerika ashobora kuzohinduka ku butegetsi bwa Donald (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amategeko ya Amerika ashobora kuzohinduka ku butegetsi bwa Donald (...)

Amategeko ya Amerika ashobora kuzohinduka ku butegetsi bwa Donald Trump

samedi 8 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Uwuserukira umugambwe w’aba republicains mu matora y’umukuru w’igihugu, Donald Trump yavuze ko ashobora kugabanya amategeko agenga Amerika ku bice 70 kw’ijana, mu gihe yotsinda.

Trump yabivugiye mu myiyamamazo yariko irabera i New Hampshire, akaba yanebaguye amategeko atorohereza ubudandaji, ariko avuga ko ayaraba umutekano n’ibidukikije ashobora kugumaho.

Imbere y’aho, umwe mu bahanuzi biwe yavuze ko ibice 10 kw’ijana vy’amategeko ashobora guhagarikwa.

Mu rukurikirane rw’iyo myiyamamazo, bitegekanijwe ko Donald Trump azosubira guhurira n’uwo bahanganye muri ayo matora ariwe Hillary Clinton wo mu mugambwe w’abademokrate. BBC dukesha iyi nkuru ivuga iyo myiyamamazo izobera i St Louis, Missouri, kuri uwu w’Imana.

Umuhanuzi wa Trump, Anthony Scaramucci, umutunzi wa Wall Street, yamenyesheje ko ubutegetsi bwa Trump bushobora gutegerezwa kugabanya ayo mategeko.


IGIHE

Messages

  • Donald Trump Ndamufana Natere Imbere Mu Migambi Yiwe.Ndamwipfurije Gutsinda Amatora.

  • Mr. Trump Donald, ivyo avuga bishimwa nabany’Amerika beshi canecane baryabadakunda uvyokujakuvuga ukwobiyumvira ariko bakazobonekera mumatora, niyompamvu Trump aravye ibivurwa kuma medias womengo azocindwa ariko kubera abamukundabeshi badakunda kujahabona nokwigamba kurayoma medias nahandi abantu bazotangara nibabona atsinze akaba prezida wa USA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.