Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda : Imigambwe ibiri yemeye kuzotora Paul KAGAME - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Imigambwe ibiri yemeye kuzotora Paul KAGAME

Rwanda : Imigambwe ibiri yemeye kuzotora Paul KAGAME

lundi 5 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri iryo koraniro, indongozi hamwe n’abanywanyi b’umugambwe PSD bumvikanye ko ata mukandida avuye muri uwo mugambwe yateguwe, ahubwo ko bazoshigikira umukandida w’umugambwe FPR-Inkotanyi, kuko ariwe abandanya guteza imbere igihugu.

Inyuma y’ugutangaza ko umukandida w’umugambwe PSD ari Paul KAGAME, umukuru w’uwo mugambwe, Dr Vincent Biruta, yasavye abanywanyi biwe kuzomutora ku bwinshi, kuko ibikorwa yakoreye Abanyarwanda mu gihe amaze ku butegetsi ari vyiza cane, agaruka no kuba Paul KAGAME ariwe yayoboye urugamba rwo kubohoza igihugu, urugamba rwahagaritse ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi.

Yagize ati “Twashatse umukandida tubona ukwiye kuba yayobora igihugu mu myaka irindwi iri imbere yaba aturuka muri PSD, cyangwa ahandi…Kandi twe amatora y’Umukuru w’Igihugu ntabwo tuyafata nk’umukino ngo ni uko igihe cyageze ngo tuzane abantu dushyire hariya gusa; tureba inyungu z’igihugu, tukareba icyo abayoboke b’ishyaka bifuza, hanyuma tugakurikiranya ibyemezo dutyo.”

N’umugambwe PL (Parti Liberal) wamenyesheje mw’ikoraniro wagirishije, ko uzoshigikira Paul KAGAME mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije mu Rwanda. Muri iryo koraniro Kaminuza ry’uwo mugambwe, Donatille Mukabalisa, umukuru w’uwo mugambwe yagize nawe ati : "Dufite undi mukoro ukomeye mu gihe kiri imbere. Mugire uruhare igihe nikigera cyo kwamamaza, twese hamwe tuzahaguruke twamamaze Paul Kagame, umukandida wacu. Duhaguruke dukangurire n’abandi batari aba Liberal batore umukandida wacu, kandi natwe nk’ishyaka dushyire hamwe, dushyire imbere umurimo unoze kugira ngo tugere aho dushaka kugera, tubashe kwigira nk’uko ahora abidukangurira.”

Mu bazohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu Rwanda, abamaze kumenyekana ni Paul KAGAME wa FPR-Inkotanyi, Dr Frank HABINEZA wa Green Party, hamwe n’abakandida bigenga aribo Philippe Mpayimana, Diane Rwigara hamwe na Mwenedata Gilbert.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora ubandanya kwakira abashaka kumenyesha ko bazokwitoza, gushika kuwa 12 gushika kuwa 23 Ruheshi 2017. Kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2017 niho umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora uzosohora urutonde ntabanduka rw’abazoba bakwije ibisabwa vyose kugira bahiganirwe ikibanza c’umukuru w’igihugu c’Urwanda.

Ayo matora azoba kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017 ku banyarwanda bari mu gihugu, hamwe no kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro ku banyarwanda bari mu mahanga.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.