Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amazina y’abakoze igitero c’i London ashobora kuvugwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amazina y’abakoze igitero c’i London ashobora kuvugwa

Amazina y’abakoze igitero c’i London ashobora kuvugwa

lundi 5 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Ubwongereza amenyesha ko amatohoza ariko akorwa mu buryo bunyaruka. Amazina y’abafashwe akazoshirwaho ahabona abajejwe igendereza nibamara kubona ko ata wundi murwi w’abakorana n’abo bantu uhari.

Islamic State yamaze kwemera ko ariyo iri inyuma y’ico gitero wavuze ko uri inyuma y’iki gitero.

Mu mezi atatu gusa, ibitero bitatu nivyo bimaze kugirwa mu gihugu c’Ubwongereza, kimwe cabereye ahakorera inama nshingamateka i Westminister mu kwezi kwa gatatu, ikindi cabereye i Manchester gihitana abantu 22.

Igiporisi c’Ubwongereza cashizeho umurongo wa terefone ufasha abakomeretse canke abafise impungenge ku makuru y’incuti n’abagenzi.

Inyuma y’ico gitero, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, yahojeje imiryango y’abaguye muri ico gitero.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.