Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amber Rose ategekanya kwibagisha amabere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Amber Rose ategekanya kwibagisha amabere

Amber Rose ategekanya kwibagisha amabere

mardi 1er Myandagaro 2017

Amber Rose aciye ku rubuga rwiwe rwa instagram avugako ubunini bw’amaberere yiwe butariko buramworohereza na gato. Eka ngo nta n’umunezero bumuha.

Ati:" Amabere yanje araremeye vy’akamaramaza, aranangwaza n’umugongo. Sinshobora kwambara utuduhuzu dutoyi mu gikiriza. Kugira n’imiburiburi bikunde ndinda kwambara"soutien-gorge" nahonyene y’abantu bakuze".

Amber Rose aciye kuri Instagram nyene asaba impanuro, yongera abaza abagore bagenziwe ati:" Hoba hariho abagore bagabanijwe amabere ariko bakagumana umunezero kandi bafise ibikovu?".

Akamo yateye abaza karumviwe kuko bamwe muribo bariko bamuhanurako nyabunako yokwicunga ku ngaruka mbi zishobora kumushikira inyuma yo kwibagisha ayo mabere.

Bobo babonako Amber Rose atokwitwararika cane ibijanye n’inkovu ahubwo amagara yiwe ashobora kuhasigara.

Abandi bariko bamuhanura ko yoyibagisha nk’uko Ariel Winter( Umukinyi wo mu rukurikirane Modern Family) yabigize mu mwaka w’i 2015. Kuko wewe inyuma yo kwibagisha asigaye yiyereka ku mbuga ngurukana bumenyi ataco yinona.

Tubamenyeshe ko Amber Rose yigeze kwubakana n’umu Rappeur Wiz Khalifa hagati y’umwaka w;i 2013 na 2014. Uwo kandi n’umukinyi w’amareresi.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.