Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Abantu 20 bakomerekeye mu myiyerekano yiyamiriza iyicwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Abantu 20 bakomerekeye mu myiyerekano yiyamiriza iyicwa (...)

Amerika : Abantu 20 bakomerekeye mu myiyerekano yiyamiriza iyicwa ry’umwirabure

jeudi 22 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyamerika bari mu myiyerekan batanye mu mitwe n’abaporisi, bongera babuza n’uruja n’uruza mu mabarabara mu gisagara ca Charlotte, muri Reta ya Carolina yo mu buraruko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika. Ah ni inyuma y’aho umuporisi w’umwirabure yiciye umwirabure nkawe kuri uwu wa kabiri.

Abantu bashika 20 barimwo n’abaporisi 12 nibo bamaze kumenyekana ko bakomerekeye muri iyo myiyerekano. Abaporisi bakaba bateye ivyuka bikoroza amosozi kugira bashiragize abari mu myiyerekano.

Uwo mwirabure yishwe nawe yari azwi kw’izina rya Keith Lamont Scott, nk’uko tubikesha VOA.

Igiporisi gitangaza ko uwo yishwe yarashwe kuri uwu wa kabiri, igihe abaporisi bariko barondera uwundi muntu baca babona uwo mugabo w’imyaka 43 avuye mu modoka afise inkoho, babona guhita bamurasa.

Scott abaye umunyamerika agira 702 mu bamaze kwicwa n’abaporisi muri uwu mwaka w’2016, mukamenya ko muri abo bamaze kwicwa, abagera kuri 163 muribo ari abirabure.

Umukuru w’igisagara ca Charlotte, Jennifer Roberts, yamenyesheje ko abanyagihugu bakwiye kumenya ukuri ku vyabaye kandi ko amatohozwa yamaze gutangura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.