Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Faceboook yatanguye gukorwako amatohoza ku makuru y’abanywanyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Faceboook yatanguye gukorwako amatohoza ku makuru y’abanywanyi (...)

Amerika : Faceboook yatanguye gukorwako amatohoza ku makuru y’abanywanyi bayo yibwe

mercredi 21 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Amakuru yashizwe ahabona n’ibinyamakuru New York Times hamwe na The Guardians mu mpera z’indwi iheze, yamenyesha ko Ikigo Cambridge Analytica gifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza gitanga amakuru y’ubuhanuzi ajanye na poritike.

Ayo makuru abandanya avuga ko mu gihe co kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2016 muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ikigo Cambridge Analytica cahawe akazi ko gufasha Donald Trump muri ico gikorwa.

Ikigo Cambridge Analytica cagirizwa ko cakoze ibintu biteye kubiri n’amategeko agenga amatora muri Amerika mu gutanga ubutumwa biciye mu makuru n’amatangazo ku bantu basaba ko botora Donald Trump.

Ayo makuru atanguye kumenyekana vyatumye ubutunzi bwa Facebook bugabanuka gushika ubu iryo shirahamwe rikaba rimaze guhomba imiriyaridi 60 z’amadorare y’abanyamerika.

Itegeko ryo mu mwaka wa 2011 ritegekanya ko mu gihe Facebook yipfuza gukoresha amakuru y’abanywanyi bayo ibanza kubibamenyesha ndetse bakabitangira ububasha.

Ikigo Cambrigde Analytica kubwaco gishikiriza ko amakuru bwakoresheje y’abantu babikoze ata mategeko ahonyanzwe.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.