Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika: Igitigiri c’abapfuye mu gisagara ca Nevada congerekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: Igitigiri c’abapfuye mu gisagara ca Nevada congerekanye

Amerika: Igitigiri c’abapfuye mu gisagara ca Nevada congerekanye

mardi 3 Gitugutu 2017

Igiporisi kimenyesha ko cafashe inkoho 23 mu cumba ciwe co mw’ihoteri hamwe n’izindi 19 ziri kumwe n’ibisasu ntezwantoki basanze muhira iwe mu gisagara ca Nevada.

Amakuru ava mu bajejwe amatohoza avuga ko ata sano riri hagati y’ico gitero n’abihevyi ariko umugwi wa Reta ya Kisiramu ukaba wamaze kwemeza ko ufise uruhara mur’ico gitero,bamwe mu bakora amatohoza banuganuga ko uwateye yoba afise ingwara yo mu mutwe naho bitaremezwa.

Bivugwa ko Stephen Paddock yigeze kuba mu kigo c’abageze mu zabukuru mu gace ka Mesquite mu buraruko bwa Las Vegas .

Umugore yitwa Marilou Danley aba mu gihugu c’Ubuyapani niwe bivugwako yigeze kubana na Stephen Paddock ariko bigashikirizwa ko uwo mugore ata ruhara afise mur’ico gitero.

Mwomenya ko igitigiri c’abapfuye kigeze kuri 59 abashika 527 nabo barakomereka.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.