Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Ikigo kiranga kahise n’imico y’Abanyamerika b’abirabure (...)
Amerika : Ikigo kiranga kahise n’imico y’Abanyamerika b’abirabure cuguruwe
dimanche 25 Nyakanga 2016, par
Mu gihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika huguruwe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Nyakanga 2016, ikigo ndangakaranga kigaragaza kahise n’imico vy’abanyamerika bafise urukoba rwirabura.
Ivyo birori vyitabwe n’abategetsi batari bake barimwo umukuru w’igihugu Barack Obama, icegera ciwe Joe Biden, Georges W. Bush yahoze arongoye Amerika, umukuru w’inama nshingamateka Paul Ryan, abaserukira ibihugu vyabo muri Amerika, n’abandi bategetsi batandukanye.
VOA ivuga ko iyo nzu yubatse mu gisagara ca Washington DC, ahasanzwe ari hafi y’ibindi vyibutso birimwo “Washington Monument”.
N’ayo iyo nzu yuguruwe ku butegetsi bw’umukuru w’igihugu Barack Obama, itegeko ritanga uburenganzira bwo kwuyubaka ryashizweko umukono na George W. Bush, akiri ku butegetsi.
IGIHE
Messages
25 Nyakanga 2016, 15:11, par .
Nizereko bashizemwo ko murikigihe baraswacane.
26 Nyakanga 2016, 13:25, par sunzu
Birababaje