Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Itegeko rishasha ku bimukira ryitezwe kuri uwu wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Itegeko rishasha ku bimukira ryitezwe kuri uwu wa (...)

Amerika : Itegeko rishasha ku bimukira ryitezwe kuri uwu wa kabiri

lundi 20 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump agiye gusohora irindi tegeko ritunganijwe ukundi gusha iribuza kwinjira muri Amerika abimukira baturuka mu bihugu indwi bigwiriyemwo abayisilamu kandi bivugwamwo iterabwoba.

Nk’uko tubikesha VOA, ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga wa Amerika ajejwe umutekano, John Kelly, kuri uwu w’Imana, aho yari mu Budagi mu nama mpuzamakungu y’umutekano yama uko umwaka utashe. Yatangaje ko iryo tegeko rishasha rizoba ryiza kuruta iriheruka gusohorwa kandi ryateye impari n’uruhagara, n’ama sentare yo muri Amerika araryiyamiriza.

JPEG - 3.3 Mo
John Kelly, umunyamabanga wa Amerika ajejwe umutekano

John Kelly, umunyamabanga wa Amerika ajejwe umutekano yamenyesheje ko iryo tegeko rishasha ku bimukira ryitezwe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 21 Ruheshi 2017. Rizokwongereza ubwoko bw’abantu batagira ivyangombwa bashobora kuzosubizwa mu bihugu baje bavamwo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.