Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa bakoze ibitero vya mbere kuri (...)
Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa bakoze ibitero vya mbere kuri Siriya
samedi 14 avril 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko ivyo bitero vyabaye isaha icenda z’ijoro,mu masaha yo mu Bufaransa vyari bitumbereye ahanini ahari ibirwanisho vy’ubumara mu gihugu ca Siriya.
Ikibanza gikomeye catewe ni ikibanza kiri hafi y’umurwa mukuru wa Siriya Damas, kikaba cari cagumye gitungwa urutoki n’abarongozi b’igihugu c’Ubufaransa.
Ibindi bitero bibiri vyabaye ku bigo biri hafi y’igisagara ca Homs, hagati mu gihugu ca Siriya, mw’ishirahamwe rijejwe gukingira agateka ka zina muntu muri Siriya bavuga ko hoba hari n’ikirindiro c’abasirikare ba Siriya catewe.
Ku ruhande rw’Uburusiya bwagirijwe kuva kera gushigikira Reta ya Siriya, bemeje ko ata kirindiro na kimwe c’ico gihugu cashikiwe n’ivyo bitero.
Igisirikare ca Siriya kirwanira mu kirere caciye naco gisubiza ibitero vya misire, ariko ku ruhande rwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bemeza ko ata muntu n’umwe wabo yahasize ubuzima.
MUGISHA Van Naris
Messages
14 avril 2018, 20:14, par Daniella
Iyo,nintambara,yagatatu,yisi,yose.
14 avril 2018, 20:21, par Daniella
Iyo,nintambara,yagatatu,yisi,yose.
15 avril 2018, 12:21, par SINZINKAYO SERGES
YEMWE YEMWE,AMERIKA YIYAMIRIZA GUKORESHA INTWARO ZA KIRIMBUZI,ARIKO IKABA ARIYO IBA IYAMBERE MUKUZIKORESHA.ARIKO MURI SIRIYA ARYA MABOMBE NAMATA AMERIKA YABATEYE ? TLUMPE NABAMBARI BIWE,NIBITONDE NAYAHANDI,UBURUSIYA BUBARYAMIYE AMAJANJA.INTAMBARA YAGATATU YISI,YATANGUYE.GUSA.DUSENGE IMANA YACU IHITANE AYO MASHETANI