Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Umushikiranganji w’imigenderanire yagenwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umushikiranganji w’imigenderanire yagenwe

Amerika : Umushikiranganji w’imigenderanire yagenwe

mardi 13 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Donald Trump, umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika yemeje ko umukuru w’ihinguriro rya Exxon Mobil, Rex Tillerson ariwe agiye kuba umushikiranganji w’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu.

Inyuma y’igenwa ry’uwo mushikiranganji, Donald Trump yashimagije cane Tillerson w’imyaka 64 nk’umwe mu bantu b’abagwizatunga bakomeye kw’isi.

Bivugwa ko Tillerson afitaniye imigenderanire myiza na Vladmir Putin, umukuru w’igihugu w’Uburusiya, ivyo bikaba biteye umutima uhagaze abademokrate hamwe na bamwe muba republicains. Bitegekanijwe ko iryo genwa ryemezwa n’inama nkenguzamateka ya Amerika.

BBC ivuga ko umushikiranganji w’imigendera ya Amerika ariwe mutegetsi wo hejuru ajejwe ibibazo bikomeye Amerika ifitaniye n’ayandi makungu.


IGIHE

Messages

  • Vive Trump tubohere kagame ncuti!!

  • Nibemere kk Donald trump yahawe n’imamana .nimba aba demokrate bakoze amanyanga intahe irabarindiye.kugiranira imigenderanire kwa Russie n’uw6 mushikiranganji ntibisigura ko gahunda za amerca zihinduka ,nibarindirire mubikorwa.

  • @Cakira ubuterahamwe bwanyu bwarabashajije,ko utuma Trump ngo afate HE Kagame kandi mperuka muzomumesa vyahereyehe??@Cakira wewe ni mjinga mtupu

  • Wewe wiyita Cakira,ko mwahora ku mupaka w’u Rwanda muririmba ngo muzomumesa hama ukaba uri gutakambira Trump,USA izi icarico u Rwanda apana ibisizimwe vy’ino (DD) bitagira political planning ,ivyo uruka ngaha ku igihe.bi ubona utarataye ubwenge?muzopfa mwangara

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.