Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikirizamanza mukuru wa Amerika yasabwe kwisigura mu nama (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umushikirizamanza mukuru wa Amerika yasabwe kwisigura mu nama (...)

Umushikirizamanza mukuru wa Amerika yasabwe kwisigura mu nama nkenguzamateka

lundi 12 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo mushikirizamanza azoja imbere y’akagwi k’inama nshingamateka kajejwe iperereza, akazokwumvirizwa kuri uwu wa kabiri, nk’uko biri mw’ikete yarungikiwe.

Nk’uko vyanditswe na BBC, ingingo y’ukwimvirizwa kwa Jeff Sessions mu nama nkenguzamateka yafashwe inyuma y’ibiheruka gushikirizwa na James Comey yigeze kuba aramutswa igendereza (FBI).

JPEG - 63.7 ko
Jeff Sessions, umushikirizamanza mukuru wa Amerika

Mw’ikete yanditse ku munsi wa gatandatu, James Sessions yagize ati : "Birakenewe ko mpabwa akaryo ko kuvuga kuri ivyo bibazo mu kibanza gikwiye" akibaza ko hoba imbere y’umugwi ujejwe iperereza w’inama nkenguzamateka.

Iyo nama izoba ku munsi wa kabiri, izoba irimwo n’icegera c’umushikirizamanza mukuru Rod Rosenstein.

Jeff Sessions yikuye mw’itohoza rya FBI ku bijanye n’ingene Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika mu kwezi kwa gatatu, igihe vyibonekeje ko yagiranye umubonano n’uwuserukira Uburusiya mu matora aheze.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.