Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umushikirizamanza kizigenza yirukanwe mu kazi
Amerika : Umushikirizamanza kizigenza yirukanwe mu kazi
mardi 31 Nzero 2017, par
Umushikirizamanza kizigenza wa Reta zunze ubumwe za Amerika yirukanwe mu kazi kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Donald Trump. Sally Yates yari yagenwe ku butegetsi bwa Barack Obama yirukanwe ahorwa ko yaheruka gusaba abacamanza bo mu bushikiranganji bw’ubutungane kudashira mu ngiro ingingo yaheruka gufatwa n’umukuru w’igihugu Donald Trump.
- Sally Yate yahora ari umushikirizamanza kizigenza muri Amerika
Dana Boente, yahora ari umushikirizamanza akukira komine yo mu buseruko bwa reta ya Virginia niwe yabaye aragenwa vy’imfatakibanza kugira abe umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, nk’uko tubikesha BBC.
Itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika rivuga ko Sally Yates yahora ari umushikirizamanza kizigenza yahemukiye igisata c’ubutungane, mu kudashira mu ngiro itegeko ry’umukuru w’igihugu.
Yagirijwe ko yahemukiye igisata c’ubutungane mu kwanka gushira mu ngiro ingingo ifise intumbero yo gukingira abanyagihugu ba Amerika.
Umukenguzamateka w’umu democrate, Richard Blumenthal, yakeje Sally Yates ko yashoboye kwerekana aho ahagaze.
Iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu ryavuga ibijanye n’uguhagarika vy’agateganyo abanyagihugu bo mu bihugu indwi (Iraki, Libiya, Siriya, Sudani, Yemen hamwe na Somaliya), ibihugu bigwiriyemwo abo mw’idini rya Islamu, babujijwe gusubira kwinjira muri Amerika, iyo ngingo ikaba yatumye haba abiha amabarabara mu myiyerekano yabaye muri Amerika no mu bindi bihugu vyo ku isi.
- Umukuru w’igihugu Donald TRUMP
Mu nsiguro yatanze mw’ikete yanditse, uwo yirukanwe mu kazi yavuze ko atanyuzwe n’iyo ngingo, kuko ku bwiwe atabona ko vy’ukuri iyo ngingo yoba yakurikije amategeko.
Umukuru w’igihugu Donald Trump yamenyesheje ko umupfasoni Sally Yates ashaka kuburagiza imigambi yiwe.
IGIHE
Messages
31 Nzero 2017, 14:59, par .
Neza na neza hariko haribonekeza abany’Amerika bashaka kuburagiza Mzeeh president Donald J Trump.
Umva namwe iyo ibintu bigeze, umukuru wigihugu agasinya ikintu maze umushirwamanzo ngo’ ndase ngwikivyimba kimeneke!!!
31 Nzero 2017, 18:52, par Warumonge
Barundibarundikazi Murumvumugarizo Urikwisiyose Presidant Afasingingokwumvanumugani Americain Hariyingorane
31 Nzero 2017, 20:51, par Ernestkingson
Nahashe Izo Ntumva Za Obama Zitumva.Ako Nakagaye.