Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Uwigeze gutwara FBI agiye gutohoza ku vyagirijwe (...)
Amerika : Uwigeze gutwara FBI agiye gutohoza ku vyagirijwe Moscou
jeudi 18 Rusama 2017, par
Nk’uko tubikesha iradiyo y’Abongereza BBC, igenwa rya Robert Mueller ryakiriwe neza n’icegera c’umushikirazamanza mukuru, aho yamenyesheje ko ari inyungu ku banyagihugu kubona bashinze ayo mabanga umuntu avuye hanze y’inzego.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika "White HOUSE" ntivyakiriye neza igenwa rya Robert Mueller. Umukuru w’igihugu Trump akaba yabimenye inyuma y’aho icegera c’umushikirizamanza mukuru atereye umukono kw’itegeko rimushira muri ayo mabanga.
- Robert Mueller
Igenwa rya Robert Mueller ryabaye inyuma y’aho abanyeporitike bagumye basaba ko hashingwa umugwi udasanzwe wokora amatohoza ku catumye James Comey yahoze arongoye FBI yirukanwa mu mabanga n’umukuru w’igihugu Donald trump, mu gihe ibigo bijejwe iperereza vyemeje ko Moscou yagerageje kwivanga mu matora ya Amerika kugira Trump atahukane intsinzi.
Robert Mueller yarongoye FBI imyaka 12 kuva mu 2001 gushika mu 2013.