Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umukuru w’igihugu agiye kuduza amatagisi ku vyuma vyinjira
Amerika : Umukuru w’igihugu agiye kuduza amatagisi ku vyuma vyinjira
vendredi 2 mars 2018
Amakuru ya BBC, amenyesha ko igihugu ca Canada n’ibihugu vya Buraya vyavuze ko bigiye gushikiriza ingingo zihagarika ayo matagisi mashasha, mu gihe Mexique, Ubushinwa na Brésil bivuga ko biriko biraraba ingene vyoshiraho ingingo zo kwihora.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu Donald Trump yanditse avuga ko Amerika yishwe n’urudandazwa rutunganijwe nabi na poritike mbi.
Yavuze ko amakori y’ivyuma vyo mu bwoko bwa "acier" azoja kubice 25%, ivyo mu bwoko bwa "aluminium" ku bice 10%.
Abanegura uwo mugambi bavuga ko ayo makori mashasha atazokingira ubuzi bw’abanyamerika, kandi ko azotuma ibiciro biduga ku baguzi.
Callixte Carpe NDIKUMANA
Messages
5 mars 2018, 19:50, par Ndayisenga Etienne
Emwe Ibintu Bigiye Kumukomerana !! Ahubwo Abashingamategeko Ba Amerika Barebe Neza Ayo Mategeko Batayemeza Usangwa Batarayatoragaho !!