Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yasabwe kwisubirako ku ngingo yo kwemeza Yerusaremu nk’umurwa mukuru (...)
Amerika yasabwe kwisubirako ku ngingo yo kwemeza Yerusaremu nk’umurwa mukuru wa Isirayeli.
dimanche 10 décembre 2017
Mu rwandiko rwasohotse inyuma y’inama yihutirwa yabereye i Kayiro ku murwa mukuru wa Misiri, urunani rw’abarabu rwavuze ko iyo ngingo ye Reta Zunze Ubumwe za Amerika izotuma ubwicanyi bwiyongera mu Burasirazuba bwo Hagati.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko abo bashikiranganji basavye amakungu kwemeza Palestina nk’igihugu hamwe na Yerusaremu y’ubuseruko, umurwa mukuru wayo.
Umushikiranganji wa Libani ajejwe imigenderanire, Gebran Bassil, yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari ikwiye gufatirwa ibihano vy’ubutunzi, kugira ibuzwe kwimurira ubuserukizi bwayo i Yerusaremu.
MUGISHA Van Naris