Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yatezuriye Canada na Mexique ku makori y’ivyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yatezuriye Canada na Mexique ku makori y’ivyuma

Amerika yatezuriye Canada na Mexique ku makori y’ivyuma

jeudi 8 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika "White House" vyamenyesheje ko hari ibihugu bishobora gutezurigwa ku makori mashasha y’ivyuma vyinjira muri Amerika.

Ukwo gutezurigwa gushingiye ku mutekano w’igihugu, kuzogirigwa Canada na Mexique, nk’uko umuvugizi wa "White House", Sarah Sanders yabivuze.

Umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump yavuze ko ivyuma vyo mu bwoko bwa "acier" bizorihishwa ibice 25 kw’ijana, ivyo mu bwoko bwa "aluminium" ibice 10 kw’ijana. Iryo tegeko rishirwako umukono kuri uwu munsi wa kane.

Hagati aho, igihugu c’Ubushinwa cagabishije kivuga ko kizofata "inyishu ibereye kandi ikenewe" mu ngwano y’ubudandaji iyariyo yose na Amerika.

Nk’uko bishikirizwa n’ikinyamakuru BBC, Umushikiranganji w’imigenderanire Wang Yi yavuze ko Ubushinwa na Amerika vyari bikwiye kwumva ko bakorana hakuba abakeba.

Umuryango wa Buraya wavuze ko uzofata ingingo zo kwihora ku bidandazwa biva muri Amerika birimwo "Bourbon" n’amavuta yo gusiga y’ivyema.

Umukenyezi Sanders avuga ko umukuru w’igihugu ca Amerika ashobora gusinya ayo mategeko mu mpera z’ino ndwi.

Yongeye abandanya avuga ati : "Hari ibihugu bishobora kutarabwa n’uwo mugambi nka Mexique na Canada kubera imvo z’umutekano, bigashoboka ko n’ibindi bihugu bishobora kugirigwa ukwo muri ubwo buryo. Ivyo bizokogwa hihwejwe igihugu kimwe kimwe ivyaco."


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.