Accueil > Amakuru > u Burundi > Amezi 16 araheze atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA
Amezi 16 araheze atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA
mercredi 22 Munyonyo 2017, par
Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.
Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe.
- Umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA
Mu gihe agifatwa vyavugwa ko yoba yafashwe n’abakozi b’igendereza, mbere bikavugwa ko apfungiwe mw’igendereza mu ntara ya Muramvya, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarabihakanye.
Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi yasavye ahubwo umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.
N’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wavuze ko gushika ubu utarashobora gutora irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro 2016, Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) yamenyesheje ko yumvise amakuru yavuga ko uwo mumenyeshamakuru yoba apfungiwe mu gasho k’igendereza mu ntara ya Muramvya, ariko muri uwo murwi bakavuga ko ata gasho k’igendereza kazwi kari i Muramvya.
Amezi cumi n’atandatu yose akaba aheze mu muryango wa Jean BIGIRIMANA hamwe no mu kimenyeshamakuru IWACU batazi irengero ry’uwo mumenyeshamakuru, ata n’uwuzi namba yoba akiri muzima canke yaragandaguwe.
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe risaba ko amatohoza yokorwa, umuryango wa Jean BIGIRIMANA ukamenyeshwa aho ari.
Egide NDUWIMANA