Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amezi indwi araheze Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe
Amezi indwi araheze Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe
jeudi 2 Ntwarante 2017, par
Amezi indwi araheze kuri uwu wa kane igenekerezo rya 2 Ntwarante 2017, Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe arashwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bamutegereye.
Abasirikare batanu hamwe n’abaporisi batatu bagirizwa gutegura hamwe n’ukugandagura Général Adolphe NSHIMIRIMANA basabiwe n’umushikirizamanza wa sentare nkuru ya commune Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, ko bopfungwa ubuzima bwabo bwose.
Bose hamwe uko bagirizwa ico caha bari umunani, ariko umwe muribo akaba aheruka kwicwa arashwe, akaba yishwe mu gihe nawe yari ahejeje kugandagura umuporisi yari yamuherekeje kubikuza amafaranga muri Posita iri mu gisagara ca Gitega. Yarashwe n’uwundi munyororo mu gihe yariko agerageza gutoroka.
Tubibutse ko umwaka uheze umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE, abwiye abashingamateka ko Reta yashizeho umurwi uriko uriga neza ingene igihano c’ugupfa naho cakuweho mw’ibwirizwa mpanavyaha cosubizwaho, kugira ivyaha bime bimwe bituzwe.
Ku rutonde rw’abantu bazohanishwa ico gihano c’ugupfa, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yavuze abarenze amategeko ya gisirikare n’ay’igihugu, abashatse gutembagaza ubutegetsi, hamwe n’abazokwagirizwa icaha c’ukwica indongozi, aho akaba yatanze akarorero k’abagandaguye Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA, avuga ko nabo bakwiye guhanishwa icaha c’ugupfa.
IGIHE
Messages
2 Ntwarante 2017, 10:42, par Nkurumbi
Kwari nkurumbi yamwishe none muri bwikore munda?
2 Ntwarante 2017, 10:44, par Nkurumbi
Kwari nkurumbi yamwishe none muri bwikore munda?
2 Ntwarante 2017, 10:47, par Cobla Rouge
Uwamuhitanye none ko bizwi ko ari Nkurumbi Peter,none yamatohoza yahereye hehe? erega na Willy Nyamitwe nawe yaramuhakije,akari inyuma karahinda
2 Ntwarante 2017, 10:55, par Mwumba
Mchezo wa Ndani,Adolphe Nshimirimana yishwe na Peter na Bunyoni, ivyo birazwi,liste yabagomba kugandagurwa irazwi kandi ni ndende,bayobozi muri muri DD muragabe
2 Ntwarante 2017, 13:02, par nshimirimana
bishe Adolfo ntibishe ba Adolf nabi bazovyicuza.
2 Ntwarante 2017, 14:30, par kabisa
ngo iki ? uwamugandaguye arazwi ni nkurumbi mbe ko mutamuvuga,ariko arabesha twaramumenye.
2 Ntwarante 2017, 16:26, par kariyo
Nta soni ngo amezi indwi!!!none ntiyagandaguwe le 02/08/2015? ivyo biharuro mubikurahe?
2 Ntwarante 2017, 23:31
Mbega Jewe Abarundi Barantwenza Igihano Cogupfa Caravuyeho Mbega Urazi Abo Yishe Arakabona Apfuye Naweyishe Besh
3 Ntwarante 2017, 05:44, par Fribert
Nivyo nivyo abagiriza ivyaha bikomenye nkukwica abo nukwicwa kuko akogatima kabi kohera bakaza babarasira mubantu beshi bakoranye.vyotanga inyishu nukuwoba afise iciyumviro kibi.
4 Ntwarante 2017, 18:25, par Mwumba
Muzoteba Muhunguke Tubagire Nkuko Mwagizabandi Aho Murwanda Nihafi Ahubwo Iyomuja Mububirigi. Ahubwo Iryobwirizwa Ryogupfa Nibarinyarutse Muzosange Rihari Tubakorereko.
4 Ntwarante 2017, 19:12, par G. major potien gaciyubwenge
Ngo yarashwe nuwundi munyororo? Basigaye bapfunganw’inkoho?
6 Ntwarante 2017, 02:31, par Wakera
Uwo mu menja azohava agaruka!!! Abo yishe azoguma abona amarira yabo iyari mumuriro kwa Rusiferi!! Icazi kwari gutera Sida abagore n’abigeme afatanije naya milice yiwe Imbonerakure!!!!
6 Ntwarante 2017, 07:50, par Turaje
@mwumba ko wumva mu rwanda ari hafi uzaze ubarebe hahahah imbwa yituma aho yeretswe wangu.
9 Ntwarante 2017, 03:39, par Nzeyimana John
Uyomumenja ya ragiye kwa shetani kwishura impembo yivyo yamukoreye, urazi inganda yatikije ngaha muburundi! tutibagiye mumakambi yi mpunzi muri Tanzania ahurugo rwomumuryango wa nyangoma yasize awuhoneje, ubu bamwe ntibaba bacirirwa barafata ingendo zokwivuza hanze, Imana yari yaraduhaye Dr ariko yamuciyemwo mukumugandagurana numuryango wiwe wose. Ahubwo abobahayagiza uwo mugesera nabo vyaribifatanije mukugandagura abenuburundi.
14 Ntwarante 2017, 14:51, par Iradukunda Ivin
Ego Nuguhanisha Ikibanza Cogupfa