IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Apple yashize ahabona terefone 3 zikoresha ubuhinga bukomeye

Apple yashize ahabona terefone 3 zikoresha ubuhinga bukomeye

mercredi 13 Nyakanga 2017

Terefone zitatu ishirahamwe Apple ryashize kw’isoko ni iPhone 8, iPhone 8 Plus, na iPhone X. Terefone ya iPhone 8 izogurishwa ku madorare 699, iPhone 8 Plus igurwe ku madolari 799, mu gihe terefone iPhone X (10) izogurwa amadorare 999.

iPhone 8 na 8 Plus zizoja kw’isoko ku ncuro ya mbere kw’igenekerezo rya 22 Nyakanga 2017, mu gihe terefone iPhone X irindirinywe igishika cinshi n’abakunzi b’ibikoresho bikorwa na Apple, izotangura kugurishwa kw’igenekerezo rya 3 Gitugutu 2017.

Inyuma y’imyaka myinshi Apple isohora terefone zifise ivyo zidahuriyeko n’izindi ,ubu bwoko bushasha butatu buzosohokana ibuhinga bushasha harimwo gushiramw umucanwa zidacometswe mu buryo bwiswe "wireless charging" aho uwuyifise azoyishira mu kuma biguranwa kiswe AirPower.

Ubu buhinga nibwo bukoreshwa no ku masaha mashasha akorwa na Apple yitwa Apple Watch Series 3 hamwe na AirPod.

Tim Cook arongoye ihinguriro Apple yavuze ko ata kindi gikoresho cahinduye ubuzima bw’abantu muri ibi bihe vya none kurusha ibikorwa na Apple.

iPhone X irindiriwe na benshi kw’isoko ifise ikiyo gisanzwe kizwi kuri Samsung Galaxy na Galaxy Note, ikaba inafise ikintu kidasanzwe kuko ifise amabara y’amoko menshi.

Ifise kandi ubundi buhinga butari busanzwe muri terefone ziri kw’isoko bwiswe ’Animoji’ bufasha umuntu kwifata amajwi hanyuma agahitamwo ’emoji’ yo kuvuga ubutumwa bwiwe mu mashusho.

Ibidasanzwe kuri terefone nshasha za iPhone 8 na 8 Plus zigiye gushirwa ahabona na Apple ni vyinshi kuko ata yatanguye kubaho izisumvya ububasha bwo gufotora n’ubwo kurungikira abakunda gukina inkino zo kuri terefone, gusa izo terefone ntizifise uburyo bwa FaceID bwahawe iPhone X.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.