Accueil > Amakuru > Poritike > Arusha : Gushika ku munsi wa gatanu abitavye ibiganiro ntibari bwahurire (...)
Arusha : Gushika ku munsi wa gatanu abitavye ibiganiro ntibari bwahurire hamwe
samedi 2 décembre 2017
Amakuru ava aho i Arusha ahariko habera ibiganiro amenyesha ko mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu abaserukiye Reta, abari mu migambwe yegereye ubutegetsi,imigambwe itavuga rumwe na Reta n’abandi bitavye ibiganiro,umurwi wose wari ufise igikorwa co gushikiriza uko ubona ibibazo umunani umuhuza yashikirije.
Ayo makuru nyene amenyesha ko igica gikurikira ari imibonano ku murwi umwe umwe ukwawo, na cane cane imirwi ibiri ya poritike ariyo Reta hamwe n’abatavuga rumwe nayo.
Abitavye ivyo biganiro biriko bibera mw’ihoteri Ngurdoto, mu gisagara ca Arusha bavuga ko bizeye koguhurira hamwe bica bitangura vuba.
Ibiganiro biriko bibera i Arusha kuva kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2017, bitegekanijwe ko bizohera kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2017, hashizwe umukono ku masezerano, ahagarariwe n’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko.
MUGISHA Van Naris