Accueil > Amakuru > Mu makungu > Autriche : Reta yugaye imisigiti 7 ikoresha imfashanyo ziva (...)
Autriche : Reta yugaye imisigiti 7 ikoresha imfashanyo ziva hanze
vendredi 8 juin 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC,amenyesha ko umushikiranganji wa mbere Sebastian Kurz, yavuze ko biri mu ntumbero yo kurondera abashira poritike muri Islam, asigura ko ibibano bibangabanganye ata kibanza bifise muri Autriche.
Iradiyo y’abongereza BBC, imenyesha ko, iyo ngingo ifashwe inyuma y’itohoza ry’abajejwe intwaro, ryakozwe ku misigiti myinshi ifashwa n’igihugu ca Tirikiya.
Haheruka kuja ahabona amasanamu mu ntango z’uno mwaka, yerekana abariko barigana urugamba rwo mu ntambara ya mbere y’isi i Gallipoli, vyagizwe n’umwe mu misigiti uzokwugarwa.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu ca Tirikiya yavuze ko ivyo Autriche ikoze vyerekana inyifato iriko irakwiragira ifatiye ku rwanko rwa Islam hamwe n’amacakubiri y’urukoba.
Yagirije Autriche kwihesha amanota ya poritike mu bintu vy’ubusabusa, mu kubangamira ibibano vy’aba Islam.
MUGISHA Van Naris