Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Australie: Umushikiranganji wa mbere yasavye papa kwirukana musenyeri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Australie: Umushikiranganji wa mbere yasavye papa kwirukana musenyeri (...)

Australie: Umushikiranganji wa mbere yasavye papa kwirukana musenyeri Philip Wison muri Ekereziya Gatorika

Thursday 19 July 2018, by vianney

Amakuru dukesha BBC amenyeshako umushikiranganji Malcolm Turnbull yavuze kwiki arico gihe kandi hageze kugira Papa yirukane ubwiwe uyo musenyeri mukuru wa Ekereziya Gatorika mu gihugu ciwe.

Malcolm Turnbull yavuze ko hari abakuru benshi bo murico gihugu bamusavye ko yotanga imihoho biragaragaza ko akwiye kwiyirukana mu mabanga ajejwe.

Mu kwezi kwa Rusama uyu mwaka wa 2018 niho Philip Wilson, musenyeri mukuru wa diyoseze ya Adelaide, yagirijwe icaha co kunyegeza ibikorwa bijanye n’ihohotera rishingiye ku gitsina umupatiri yakorera abana b’abahungu b’abakorezi.

Igihe cose c’urubanza , Philip Wilson yavuze ko atigeze amenya ivyo padiri James Patrick Fletcher yakorera abana b’abakorezi mu myaka y’i 1970 mu gace kitwa New South Wales.

Philip Wilson abaye umusenyeri mukuru muri ekereziya gatorika wa mbere kw’isi yagirijwe ivyaha na sentare ariko we yavuze ko azokunguruza urubanza.


IGIHE

Forum posts

  • N’abahemu baruzuye nibenshi bahemuka, babanje kwinyegeza abakuru babo bakabakingira ikibaba. Ariko ubuho uwo baborera ariwe Sekibi(Shetani) arabamaramaje. Abakora ivyo, basubiza ku Musalaba Umwami wacu Yesu, Baramuhemukira Bama badandahiwe inzoga, ubukungu n’inyota y’ifaranga nico kibaraza ishinga. Ibihembo vyabo birategekanijwe. Aho gusaba imbabazi Umuremyi n’abana bahemukira, iyo babakubise inkoni mugahanga, baranana ngo turunguruza urubanza bakihagararako mu mafuti. Ni Ivyanke. Kuki badasezera bakareka gucafuza Inshengero na Eglise bashinzwe? Barayicafuza. Umukama agaira imbabazi bosaba imbabazi boba bakize. Europe yose Americ ntibasiba kubatera ivyatsi. Abavyeyi haguruka mukingire abana banyu iyo bagiye gukora mubabwire ko ubakozeko bokoma induru canke bashitse muhira bakabivuga. Sagaseseshwa rumuri, izo ngirwa madini kure hasi nikimwe na ba mafia. Ewe Yezu wacu vyura ikigongwe, kandi abagukunda tuvuze tuti MPORE!!!!!

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.