Accueil > Amakuru > Mu makungu > Australia: Abanyamerika bane baguye mw’isanganya ry’indege
Australia: Abanyamerika bane baguye mw’isanganya ry’indege
mardi 21 Ruhuhuma 2017
Abantu batanu nibo bapfuye bahitanywe n’isanganya ry’indege ryabereye mu gisagara ca Melbourne , mu gihugu ca Australia mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 21 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.
Abategetsi b’igisagara ca Melbourne bamenyesha ko iyo ndege ntoya yarimwo abanyamerika 4 yaguye haheze umwanya muto ihagurutse.
Amakuru ava aho mu bajejwe intwaro mu gisagara ca Melbourne amenyesha kandi ko iyo ndege yagize isanganya kubera ingorane zijanye n’ubuhinga bw’ivyuma.
Amakuru ava muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeza ko abanyamerika bane bari muri iyo ndege bapfuye. Reta Zunze Ubumwe za Amerika ikaba yamaze gusohora itangazo ryo guhoza imiryango n’abagenzi babuze ababo.
IGIHE
Messages
21 Ruhuhuma 2017, 16:16, par karaveri
imanibakireneza kwisimuryanirubusa nubusagusa twaridukwiye guhindukirimana
23 Ruhuhuma 2017, 10:03, par Morodikayi Jon
Turahojeje imiryango yabuze ababo, hamwe nigihugu ca Marekani, bihangane mwisi turingenzi.