Home > Amakuru > Mu makungu > Australie: Umwepisikopi Philip WILSON yakatiwe igifungo c’umwaka
Australie: Umwepisikopi Philip WILSON yakatiwe igifungo c’umwaka
Tuesday 3 July 2018, by
Amakuru dukesha BBC amenyeshako Philip Wilson yananiwe no gutanga amakuru ku bajejwe umutekano ivyavurwa kuri mugenzi we Patrick Flether yagirizwa gufata ku nguvu abana b’abahungu b’abakorezi mw’ishengero.
Ayo makuru abandanya avuga ko ico gihe Philip yarakiri umupatiri akiri muto yatinya kubivuga yibaza ko vyahava vyonona ishusho ya Ekereziya katorika.
Mu mwaka wi 2004 niho Patrick Fletcher yagirizwa ivyaha 9 bijanye no gusambanya abana,mu nyuma acapfira mw’ibohero inyuma y’imyaka 2 afunzwe.
Philip Wilson asanzwe ariwe mwepisikopi wa diyoseze ya Adelaide,akaba abaye umuntu wa mbere akomeye muri Ekereziya Gatorika akatiwe igifungo nk’ico kubera ivyaha bifitaniye isano no gusambanya abana bimaze imisi vyagirizwa abapatiri n’abandi bihebeye Imana mu mihingo itandukanye y’isi.
IGIHE