Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Austrariya : Itegeko ryemerera abahuza ibitsina babisangiye kwubakana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Austrariya : Itegeko ryemerera abahuza ibitsina babisangiye kwubakana (...)

Austrariya : Itegeko ryemerera abahuza ibitsina babisangiye kwubakana ryemejwe

mercredi 15 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Abashigikiye abahuza ibitsina babisangiye bishimiye ayo matora bakaba baboneka mu mabarabara menshi agize ico gihugu baririmba bongera batamba.

Inyuma yaho ivyavuye mu matora bimenyeshejwe, umushikiranganji wa mbere wa Austrariya Malcolm Turnbul yashikirije ko Reta arongoye izoca ishikiriza iyo ngingo inama nshingamateka kugira iyemeze mu kwezi kuza kwa 12 uwu mwaka wa 2017.

Malcolm Turnbull yagize ati : "Abanyagihugu ba Austrariya batoye ego kugira habe ukungana mu vyerekeye ivyo kubakana".

Amakuru ava mu bimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu ashikiriza ko abantu bashika imiriyoni 12,7 baharugwa mu bice 79,5 kw’ijana aribo bitavye ayo matora aho ikibazo cari kimwe gusa co kwemeza canke guhakana ko itegeko ryerekeye kwubakana ko ryohindurwa rikemerera abahuza ibitsina babisangiye bagashobora kwubakana imbere y’amategeko.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.