Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamwe mu Barundi bafatiwe muri Congo binjiye ibohero rikuru rya (...)
Bamwe mu Barundi bafatiwe muri Congo binjiye ibohero rikuru rya Mpimba
jeudi 2 Ruhuhuma 2017, par
Bamwe mu barundi bafatiwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo binjiye ibohero rikuru rya Mpimba ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri. Igitigiri c’abashikanwe aho ku Mpimba ntikiramenyekana neza. Umurwi w’inyamiramabi ujejwe kubumviriza ukaba watanguye igikorwa cayo aho nyene mw’ibohero, kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kane.
Abo bashitse mw’ibohero rikuru rya Mpimba bari mu baheruka gufatirwa muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bashikirizwa igiporisi c’Uburundi.
Abagera kw’ijana na mirongo ibiri na bane nibo bashikirijwe igihugu c’Uburundi kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero 2017. Umushikiranganji w’ubutungane ari mu bategetsi b’Uburundi babakiriye ku rubibe, akaba yashikirije ko babakira neza nk’abarundi bose, kandi ko atawovuga ko ari abarwanyi, mu gihe amatohoza ataraba kugira hamenyekane ivyabo.
Mu makuru y’aho nyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba, tubamenyeshe ko umurwi ugira kabiri w’abagabo batanu muri cumi bari bafatiwe ku Mutakura utarekuwe nk’uko vyari bitegekanijwe kuri uwu wa gatatu. Batanu ba mbere mubo basangiye icaha bari barekuwe kuri uwu wa kabiri, ku kigongwe c’umukuru w’igihugu, hakaba hasigayeyo abo bandi.
IGIHE
Messages
2 Ruhuhuma 2017, 11:00, par Tchissekedi
Kubapfunga Ntagitangaza kirimo, ubwo abandi basigaye Desire Uwamahoro yabishe
2 Ruhuhuma 2017, 18:10, par Havyarimana Patrick
ntakundi
2 Ruhuhuma 2017, 20:46, par Edouar
nibakor amatoza neza bidatevye. ntibihende kuk nabarundi nkatwe
3 Ruhuhuma 2017, 01:05, par Niyonzima Emanwer
Reka Amatohozayikorer
6 Ruhuhuma 2017, 03:28, par Ndayiragije
Emwe!Turacagowe Abarundi