Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu Barundi bafatiwe muri Congo binjiye ibohero rikuru rya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamwe mu Barundi bafatiwe muri Congo binjiye ibohero rikuru rya (...)

Bamwe mu Barundi bafatiwe muri Congo binjiye ibohero rikuru rya Mpimba

jeudi 2 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Bamwe mu barundi bafatiwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo binjiye ibohero rikuru rya Mpimba ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri. Igitigiri c’abashikanwe aho ku Mpimba ntikiramenyekana neza. Umurwi w’inyamiramabi ujejwe kubumviriza ukaba watanguye igikorwa cayo aho nyene mw’ibohero, kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kane.

Abo bashitse mw’ibohero rikuru rya Mpimba bari mu baheruka gufatirwa muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bashikirizwa igiporisi c’Uburundi.

Abagera kw’ijana na mirongo ibiri na bane nibo bashikirijwe igihugu c’Uburundi kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero 2017. Umushikiranganji w’ubutungane ari mu bategetsi b’Uburundi babakiriye ku rubibe, akaba yashikirije ko babakira neza nk’abarundi bose, kandi ko atawovuga ko ari abarwanyi, mu gihe amatohoza ataraba kugira hamenyekane ivyabo.

Mu makuru y’aho nyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba, tubamenyeshe ko umurwi ugira kabiri w’abagabo batanu muri cumi bari bafatiwe ku Mutakura utarekuwe nk’uko vyari bitegekanijwe kuri uwu wa gatatu. Batanu ba mbere mubo basangiye icaha bari barekuwe kuri uwu wa kabiri, ku kigongwe c’umukuru w’igihugu, hakaba hasigayeyo abo bandi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.