IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bamwe mu bigisha bahimbaje umunsi wabo bavuga ko bataratunganirizwa

Bamwe mu bigisha bahimbaje umunsi wabo bavuga ko bataratunganirizwa

mercredi 5 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe kw’isi yose bahimbaza kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 5 Gitugutu 2016, umunsi mpuzamkungu wahariwe umwigisha, abaserukira abandi mu bigisha bo mu Burundi bamenyesha ko uwo munsi ushitse abigisha b’Abarundi bahanzwe n’ibibazo vyinshi, cane cane ibijanye n’ingene igikorwa c’ukubahindurira ibibanza bakoreramwo cagenze.

Uguhindurira ibibanza abigisha bakoreramwo vyakozwe mu ntango z’uwu mwaka w’ishure w’2016 ushira uw’2017 kwakozwe hatisunzwe aho abigisha bakorera, hamwe n’aho bafise imiryango, nk’uko bimenyeshwa na bamwe mu bigisha bavuga ko bashizwe mu ntara ziri kure na kure. Umwe muri abo bigisha twashoboye kuganira, yatumenyesheje ko yakuwe aho yahora akorera, ajanwa kw’ishure riri ku birometero 25, aho akamenyesha ko bimugora ingene ashikayo.

Uwundi nawe nyene yahinduriwe ikibanza avuga ko yatandukanye n’umuryango wiwe, kuko kugira ashike kw’ishure bamushizeko, yongere akore ataha, bimusaba amafaranga agera ku bihumbi 12 vy’amarundi, ayo nayo akavuga ko ari umurengera ku mushahara wiwe.

Emanuel Mashandari, umukuru wa sendika CONAPES (Conseil National du Personnel de l’Enseignement Secondaire) amenyesha ko ukwo guhindurira abigisha aho bakorera bitakozwe mu muco, ivyo bigatuma hari ababona ko bakoreshwejwe nkunzi.

JPEG - 114.4 ko
Emmanuel MASHANDARI, umukuru wa sendika CONAPES

Tubamenyeshe ko umurwi ujejwe kwakira abavuga ko barenganijwe mu gikorwa c’uguhindurira akazi abigisha wamaze gutanga isango ryo kuwa ndwi Gitugutu 2017, ni ukuvuga mu minsi ibiri, umwigisha azoba ataratonda ku mirimo y’ah yashizwe akazifatwa nk’uwataye akazi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.