Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamwe mu bishe umuvyeyi w’umurwizatunga Venant KAZOHERA yaciriwe umunyororo (...)
Bamwe mu bishe umuvyeyi w’umurwizatunga Venant KAZOHERA yaciriwe umunyororo w’uguherayo
vendredi 31 Ntwarante 2017, par
Urubanza rw’abantu 11 bagirizwa urupfu rw’umutama Jacques Bukobero, umuvyeyi w’umurwizatunga Venant KAZOHERA, umunywanyi wa CNDD FDD akaba n’umukuru w’umurwi w’umupira w’amaguru wa "Messager Gitega" rwasomwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kane na Sentare nkuru ya Gitega.
Muri abo 11, babiri baciriwe umunyororo wo guherayo, batanu baciriwe umunyororo w’imyaka 20. Bane basigaye bambitswe izera na Sentare.
Abumvirijwe na Sentare kuri uwu wa kane ni abayoboke 11 b’umushingamateka Rwasa Agathon bagirizwa urupfu rw’umutama Jacques Bukobero, umuvyeyi w’umurwizatunga Venant KAZOHERA, umunywanyi wa CNDD FDD akaba n’umukuru w’umurwi w’umupira w’amaguru wa "Messager Gitega". Uwo mutama yishwe atewe gerenade n’abantu bamusanze muhira iwe kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2017, ku musozi Gasenyi, komine Nyarusange, mu ntara ya Gitega.
Abaserukira abayoboke ba Rwasa Agathon mu ntara ya Gitega bavuga ko abo bantu bafatiwe imvo za poritike.
IGIHE
Messages
31 Ntwarante 2017, 16:55, par Wakera
Mbe Sebuja Rwasa ko atava mugacerere! Bamuhaye utwo afungura aca agira incungu abanywanyi biwe! Uwo mutama yishwe n’imbonerakure kugire baronke uburyo bwogufata abo ba FNL. Bazorekurwa nihaboneka ubutungane bwigenga buzobgera bugakubita intahe mu gahanga iyo mbonerakure irongoye messager Gitega
31 Ntwarante 2017, 17:42, par FELIX MUHIRE
Har’ico ntatahura kandi nkunda ku kibona mu nkuru hafi ya zose. Iyo umuntu yafatiwe mu caha, kuki mudashobora kutubwira icaha yakoze gusa, ariko mukarinda kugerekako umugambwe akomokamwo. None abacamanza canke abapolisi, bagiriza icaha umuntu baravye umugambwe akomokamwo canke baraba uburemere bw’icaha cakozwe? Jewe nibaza ko na mwebwe abamenyeshamakuru mufise akantu ko guconganisha abanyagihugu muciye ku mazina y’imigambwe. None mushaka ngo tugende tuvuga ko abo ba FNL bishe uwo umutama kuko yavyaye umu CNDD? Canke bamwishe kubera ubugizi bwa nabi bwabo?
1er Ndamukiza 2017, 15:33, par leonidas
abarundi turatwengeje karashizingani iyo bafashe bagahana uwagirizwa nicaha wenyene yikoreye ngo nimvo za politique,emwe ndambe mbone
2 Ndamukiza 2017, 06:57, par folmand
Nous remercions les rédacteurs du journal IGIHE pour l’impartialité de leur rédaction mais une chose à corriger c’est la relation qu’ils établissent souvent entre les coupables et leurs appartenance politique surtout quand li s’agit d’un membre de l’opposition. On se pose une multitude de questions : est ce que selon les redacteurs un membre de l’opposition ne peut pas commettre un forfait punissable ? Quelle relation entre le malfaiteur et son appartenace politique? Ou encore comment souhaitez vous qu’on traite un coupable de l’opposition ? Selon moi les coupables ont un même ensemble et un même sort indépendamment de leur appartenance politique
2 Ndamukiza 2017, 10:36, par FNL
@wakera(turaje)=intagondwa mujeri sans echec.
4 Ndamukiza 2017, 07:03, par Ntakirutimana Jonatan
Aaaaaaaaaaa uwomutama ya gandaguwe nimbonerakure, aboba CNDD FDD turabazi neza ukobakora, iyo harabobarondera gukorera inteba ishushe, baremera umwe muribo bakamwica, kugira abobubuze uburyo bobafanikishe, bacabakoreshamurubwo buryo.