Accueil > Inkino > Amahiganwa > Basketball:Uburundi bwaserukiwe mw’ihiganwa rya Basket muri Botswana
Basketball:Uburundi bwaserukiwe mw’ihiganwa rya Basket muri Botswana
jeudi 30 novembre 2017
Iyo mirwi yafashe indege k’umuhingamo wo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Munyonyo 2017 ,igizwe n’umurwi w’abahungu The winners hamwe n’umurwi w’abigeme Kazoza.
Iyo mirwi isanzwe ikina urukino rutamenyerewe mu Burundi, yabaye iya mbere mw’ihiganwa ryo mu Burundi ry’abakiri bato, izokinira ku murwa mukuru wa Botswana Gaborone.
Uko urwo rukino rukinwa :
Urukino rwa Basketball bakina ari batatu rurafise ivyo rutandukaniyeko bimwe bimwe n’urukino rumenyerewe rwa Basketball bakina ari 5.
Urwo rukino rukinwa n’abakinyi batatu k’umurwi bakagira umusubirizi umwe, bagakinira ku ruhande rumwe rw’ikibuga (demi terrain) bagatsinda mu gaseke kamwe bose uko aba ari imirwi ibiri.
- Abakinyi baserukiye Uburundi mu rukino Basketball bakina ari batatu
Igitsindo kingana n’inota rimwe kiretse bagitsindiye inyuma y’umurongo uri kure aho igitsindo gica kingana n’amanota abiri.
Urwo rukino rukamara iminota icumi canke rukarangira arukwo hagize umurwi ushikana amanota 21.Mugihe iyo minota 10 iheze imirwi yose inganya amanota, harongerwa umwanya,umurwi utanguye gutsinda amanota abiri uca utahukana intsinzi.
Pacifique BUKURU