Accueil > Amakuru > Poritike > Benjamin Mkapa yatumyeko ibiganiro kuwa 16 gushika kuwa 18 Nzero (...)
Benjamin Mkapa yatumyeko ibiganiro kuwa 16 gushika kuwa 18 Nzero 2017
lundi 6 Ruhuhuma 2017
Ibiro vy’umuhuza mu matati y’abarundi bimenyesha ko ibiganiro bihuza abarundi bitegekanijwe gusubira kuba kuva kw’igenekerezo ya 16 gushika kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma umwaka wa 2017,i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.
Abicishike ku rubuga rwa Twitter, Umuhanuzi mu biro vy’umuhuza Macocha TEMBELE amaneyesha ko ibiganiro bizoba bizokwisunga ahanini ku bibazo nyamukuru bishobora gushika ku masezerano hagati y’abitavye ibiganiro.
Umugambwe SAHWANYA- FRODEBU ubicishije ku murongo wa Twitter waramaze kumenyesha ko, inyuma y’umubonano wahuje abarongzi kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma umwaka wa 2017,uzokwitaba ivyo biganiro.
Ibiganiro vyaheruka kuba,vyabaye kw’igenekerezo rya 16 na 17 Nzero umwaka wa 2017, mu ntumbero y guhanahana ivyiyumviro ku coganirwako mu biganiro nyezina.
IGIHE
Messages
6 Ruhuhuma 2017, 21:07, par MASUMBUKO
Nivyo Cane, Ibiganiro Nibikoze Ariko Vyisunge Amategeko. Mugabo President De La Republique Du Burundi Ntazasubirf Muri Tanzania Azotume,twarabonye Ivyaho,
7 Ruhuhuma 2017, 09:27, par Ntakirutimana Jonatan
Nagende hariya vyaramunaniye ntavyubuhuza ashoboye! icashoboye azi gutukana ngo rwabantu ntabwenge bafise!.