Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bresil: Luiz Inacio Lula da Silva yahoze arongoye igihugu yasabiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bresil: Luiz Inacio Lula da Silva yahoze arongoye igihugu yasabiwe (...)

Bresil: Luiz Inacio Lula da Silva yahoze arongoye igihugu yasabiwe gupfungwa imyaka icenda n’igice

jeudi 13 Mukakaro 2017

Amakuru dukesha Iradiyo Ijwi rya Amerika,amenyesha ko umucamanza w’igihugu Sergio Moro yavuze ko Luiz Inacio Lula da Silva yagirizwa ko yanyuruje amafaranga ingana n’umuriyoni w’amadorare yakoresheje mu gusanura inzu yiwe iri hafi y’ibahari.

Luiz Inacio Lula da Silva yahakanye ivyo yagirizwa vyose,akavuga ko ataho bifatiye kandi ari ibinyoma,ahubwo afitaniye ibibazo n’umucamanza w’igihugu Sergio Moro.

Amakuru ya Radiyo ijwi rya Amerika amenyesha ko Luiz Inacio Lula da Silva azoguma yidegemvya mu gihe cose azoba akiriko aritaba ubutungane.

Luiz Inacio Lula da Silva na Sergio Moro bafatwa nk’abantu bakomeye mu gihugu ca Bresil.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.