IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Abanyororo 178 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu

Bubanza : Abanyororo 178 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu

lundi 26 Ruhuhuma 2018, par Egide NDUWIMANA

Abo bapfungwa barekuwe kuri uwu wa kane, ukaba wari umunezero kuribo hamwe no ku miryango yabo.

Umwe mu bajejwe amabohero, ari nawe yari yagiye gushira mu ngiro iyo ngingo y’umukuru w’igihugu, yasavye abarekuwe ko bokwirinda gusubira gukora ivyaha vyotuma basubira mu munyororo, kuko ata munyororo agirirwa ikigongwe kabiri.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mw’ijambo yashikirije yipfuriza Abarundi umwaka mushasha mwiza w’2018, yamenyesheje ko abanyororo barenga ibihumbi bibiri (2000) aribo bagiye kwidegemvya kubera ikigongwe yatanze. Yabasavye kwirinda ico cose cotuma igiti kibakora mu jisho kabiri.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaravuze imice y’abanyororo barabwa n’iyo ngingo y’ikigongwe yatanze. Yagize ati : "Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, twisunze Ingingo y’113 y’Ibwirizwa Shingiro, tugiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, Abakenyezi bibungenze n’abonsa, abagendana ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe, n’abandi; bose hisunzwe uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo."


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.